Burundi: Imbibe zo hasi zugawe inyuma y'ubwandu bushasha bwa Covid-19

Impunzi z'Abarundi zari zitahutse zivuye muri Kongo, zakirwa mu buryo bwo kwirinda Covid-19 mu kwezi kwa gatatu 2020

Ahavuye isanamu, ONESPHORE NIBIGIRA

Insiguro y'isanamu, Gushika ubu Uburundi buharura abantu barenga amajana 884 bamaze kwandura Covid-19 na babiri yishe

Ubutegetsi mu Burundi bwakajije ingingo zo kwirinda ikwirakwira ry'umugera wa Covid-19 mu gihe hatangajwe abanduye bashasha inyuma y'amezi abiri nta bwandu butangajwe mu gihugu hagati.

Ku wa gatatu ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwatangaje ko hatowe abantu 40 banduye uwo mugera, igitigiri ca mbere kinini c'abatorewe uwo mugera icarimwe kuva utangura kuvugwa mu Burundi mu kwezi kwa gatatu.

Kuva ku wa mbere uza (itariki 11 z'uku kwezi), nta muntu azosubira kwinjira mu Burundi azananye ibarabara canke mu mazi kiretse ibidandazwa gusa.

Iyo be n'izindi ngingo biri mw'itangazo ryasohowe na komite ijejwe kurwanya ikwirakwira ry'umugera wa corona mu Burundi uyu munsi kuwa gatanu.

Mu kwezi kwa gatandatu umwaka uheze Perezida Ndayishimiye ahejeje kwinjira mu mabanga, yavuze ko coronavirus ari "umwansi ruhasha" agiye "kurwanya gushika yomowe"

Abaje n'indege bazotwarwa na police gusa

Iryo tangazo rivuga kandi ko kuva ku wa mbere nyene, abantu bazoba baje mu Burundi n'indege bazoca bashirwa ukwa bonyene (quarantaine) ikiringo c'indwi yose.

Gushika ubu bamara iminsi itatu gusa mu kurindira ko baronswa inyishu z'ibipimo vy'uwo mugera.

Abaje n'indege ku kibuga mpuzamakungu ca Bujumbura bajanwa mu ma hoteri yemerewe n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu kwakira abo bantu kugira baharindirire inyishu z'ibipimo bafatwa bagishika ku kibuga c'indege.

Ubu bazongera bapimwe irigira kabiri ku munsi wa 6 wo kugumizwa ukwa bonyene, kandi gushika kuri hotel bava ku kibuga c'indege bazoja batwarwa n'igipolisi gusa.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwavuze mu ntango z'iyi ndwi ko hari haheze amezi hafi ibiri ata muntu yanduye umugera wa corona mu gihugu hagati.Vyibazwa ko umugera wasubiye kwinjizwa n'abaje bava hanze y'igihugu.

Amahoteri yakira abaje n'indege nta bandi bazosubira kuyagendera

Kuva ku wa mbere kandi hagiye gusubira gutanguzwa mu gisagara ca Bujumbura isekeza ryo gupima ata mafaranga asabwe umuntu wese abishaka mu gihe azoba yiyumvako ibimenyetso biranga abafashwe n'indwara ya Covid-19.

Bizobera mu bibanza bitatu vyari vyakorewemwo bene ico gikorwa mu kwezi kw''indwi.

Mu ngingo nshasha ziri muri iryo tangazo, ayo mahoteri azoba yemeye kwakira abaje n'indege nta bandi bantu bemerewe gusubira kuyagendera haba kuja kuryayo, kunywerayo canke kuharangurira iyindi mirimo iyari yo yose.

Gushika ubu Uburundi buharura abantu barenga amajana 884 bamaze kwandura Covid-19 na babiri yishe, hakurikijwe ibiharuro bitangwa n'ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu.