Coronavirus -Burundi: Bavuze ivyavuye mu gupima abantu benshi

Gupima abantu benshi vyatangujwe kuwa mbere i Bujumbura

Ahavuye isanamu, Burundi Health ministry

Insiguro y'isanamu, Gupima abantu benshi vyatangujwe kuwa mbere i Bujumbura

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi bumenyesha ko mu bantu bashika 670 bafashwe ibipimo ku wa mbere w'iyi ndwi 28 banduye wa mugera ruhonyabantu wa coronavirus.

Nibwo bwa mbere mu Burundi hari hafashwe ibipimo vyinshi ku munsi umwe mw'isekeza ryatangujwe ryo kuraba uko iciza Covid-19 gihagaze mu gihugu.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi, Dr Jean-Bosco Girukwishaka, abicishije ku rubuga rwa Twitter, amenyesha ko ivyo bipimo vyafashwe mu bigo bitatu vyo gupimiramwo uyo mugera no mu bitaro bitandukanye, mu gisagara ca Bujumbura.

Iryo sekeza ryatanguriye i Bujumbura bikaba bitegekanijwe ko kuva mu ndwi iza kizobandaniriza mu zindi ntara zo hagati.

Dr Girukwishaka avuga ko ku munsi ugira kabiri w'iryo sekeza, abashika "593 aribo bafashwe ibipimo" , bakaba barindiriye inyishu.

Avugana na BBC Gahuzamiryango ejo ku wa kabiri, Bwana Girukwishaka yavuze ko iri sekeza rizomara amezi atatu rizofasha leta kumenya ingene ikiza ca coronavirus cifashe mu gihugu cose.

U Burundi buzwi ko buri mu bihugu bitafashe ingingo ruhasha mu ntumbero yo kurwanya ikwirakwira ry'umugera wa coronavirus, harimwo ingingo zo kuguma mu rugo, nk'uko vyagenze mu bindi bihugu vyo mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko.

Hari amashirahamwe amwe amwe yagiriza leta ko igiharuro vyatangwa na leta ku bijanye n'uwo mugera bitari vyo, ibirego vyiyamirijwe.

Umukuru w'igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye wewe aherutse gutangaza ko agiye kurwanya bikomeye iki kiza gushika gitujijwe.

Mw'ijambo yashikirije igihe abagize leta yiwe barahira, ku wa 30 z'ukwa gatandatu guheze, Perezida Ndayishimiye yatangaje icese ko agiye guhagurukira uwo mugera gushika utujijwe.

Mu gihe ico gikorwa kibandanya, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu busaba abanyagihugu kubandanya bakurikiza ingingo zafashwe mu ntumbero yo kwikingira, izo nazo hakaba harimwo gukaraba igihe cose, kwirinda gukorana mu minwe canke kugwana mu nda, hamwe no kwisiga ya miti yica imicafu.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu kandi busaba ishirahamwe Atrabu ryo kwunguruza abantu kwama bapompa imiduga yabo, abakiriya nabo bagasabwa kwambara udupfukamunwa.