Burundi: Abantu 40 batowe umugera Corona inyuma y'amezi abiri ata bwandu mu gihugu

Umushikiranganji w'agara y'abantu mu Burundi Thandee Ndikumana

Ahavuye isanamu, @BURUNDIGOV

Insiguro y'isanamu, Umushikiranhanji Thadee Ndikumana yavuze ko hari haheze amezi abiri atawunduye umugera wa corona mu gihugu hagati

Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe amagara y'abantu Thadée Ndikumana yatangaje ko abantu 40 batowe umugera wa corona mu bipimo vyakozwe mu minsi ibiri iheze.

Ni ubwa mbere abantu bangana gutyo batorewe umugera icarimwe kuva hamenyekanye abantu babiri ba mbere batowe uwo mugera mu kwezi kwa gatatu mu mwaka uheze.

Mw'itangazo yasomeye abamenyeshamakuru Dr Ndikumana yavuze ko 10 ba mbere batowe uwo mugera ku wa mbere mu bantu bipimisha mu mw'iteguro wo gufata urugendo mu mahanga.

Yagize ati: ''Guhera uwo munsi nyene, umugwi ujejwe kugwanya indwara z'ibiza n'ivyaduka vyihuta waciye urondera abo bose boba bagiye hamwe canke boba baregeranye n'abo 10 bari bahejeje gutorwa uwo mugera''.

Haciye hapimwa abantu 284, muri abo 30 baca basanganwa umugera wa corona ''vyumvikana ko muri iyi minsi ibiri iheze abanduye umugera wa corona bashika kuri 40''.

Amezi abiri atawanduye hagati mu gihugu

Umushikiranganji Ndikumana yamenyesheje ko igitigiri kinini nk'ico c'abantu batowe umugera wa corona cabonetse hari haheze hafi amezi abiri ata muntu yanduye hagati mu gihugu.

Yasiguye ko kimwe mu bituma umugera ukwiragira cane ariko hari abantu binjira mu gihugu baciye mu nzira zitazwi.

Yamenyesheje ko abo bantu bose baherutse kwandura baba mu gisagara ca Bujumbura n'imicungararo yaco, kandi ko "bariko barakurikiranwa n'abaganga babijejwe kandi amagara yabo yifashe neza."

Ndikumana asaba abarundi kwubahiriza ingingo zo kwirinda gukwirakwiza uwo mugera harimwo gukaraba neza intoke kenshi gashoboka, kugira umuziro kuramukanya "dukorana mu minwe canke tugwana mu nda."

Izo ngingo zisabwa kwubahirizwa na cane cane ahantu hahurira abantu benshi nk'ibibuga vy'inkino, amashengero, amashuri, uburiro n'ubunywero.

Gushika ubu Uburundi buciye buharura abantu barenga 840 bamaze gutorwa umugera wa corona na babiri umaze guhitana, hakurikirijwe ibiharuro bitangwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.