Burundi: Abantu ijana bashasha batowe umugera wa Covid-19

Ahavuye isanamu, MSPLS
Abantu ijana bashasha batowe umugera w'indwara ya Covid-19 nk'uko bitangazwa n'umushikiranganji w'Uburundi ajejwe amagara y'abantu, mu gihe uyu munsi ariho hatangura ingingo yo kwugara imbibe zo hasi z'Uburundi mu kwirinda ikwirakwira ry'uwo mugera.
Mu kiringo kidakwiye n'indwi, babaye abantu 140 batowe uwo mugera hari haheze amezi abiri ata muntu avuzwe ko yanduye mu gihugu hagati.
Ku wa gatatu uheze , ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwari bwatangaje ko mu minsi ibiri gusa bwatoye abantu 40 banduye uwo mugera mu gisagara ca Bujumbura.
Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe amagara y'abantu Thadee Ndikumana yanditse kuri twitter ati : ''kwandura coronavirus birahumaganye mu Burundi''.
Amenyesha ko abo bantu ijana bashasha banduye batowe mu bantu 5300 bapimwe kuko hari aho bahuriye n'abo 40 bari batowe mu bipimo vyo kw'itariki 4 na 5 z'ukwezi kwa mbere.
Imbibe z'Uburundi zirugaye
Abantu ijana babaye igitigiri ca mbere kinini gisahsha c'abantu batorewe uwo mugera icarimwe kuva utangura kuvugwa mu gihugu mu kwezi kwa gatatu mu mwaka uheze.
Uyu munsi niho hatangura kuja mu ngiro ingingo yo kwugara imbibe zo hasi no mu mazi. Uretse ibidandazwa, abashobora kwinjira mu Burundi bakaba ari abagenda n'indege gusa.
Nabo nyene bashika bashirwa ukwa bonyene mu mahoteri iminsi indwi bagapimwa coronavirus bagishika bagasubira ku munsi ugira gatandatu.
Hanatangujwe mu gisagara ca Bujumbura isekeza ry'iminsi 30 ryo gupima uwubishaka wese mu gihe yiyumviseko ibimenyetso vy'indwara ya Covid-19.
Uburundi buri hafi yo gushika abantu igihumbi -barenga 980 bamaze kwandura coronavirus na babiri bamaze kwicwa n'iyo ndwara hakurikijwe ibiharuro vy'ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu.










