Burundi – Covid: Incanco z’iki niba leta itazihimiriza?...Impari ku ngingo ya reta

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ingingo ya reta y'Uburundi yo kwemera kuronswa incanco za Covid-19 ariko itazohimiriza abantu kwicandagisha irabonwa ugutandukanye mu benegihugu.
Bamwe bagaragaza ko bari kumwe na reta y'Uburundi kuri iyi ngingo igihe abandi babona ko ataco bimaze kuba reta yemera kuronswa incanco idafise umugambi kuri zo. Izo ncanco ntizirashika mu Burundi.
Abategetsi bajejwe amagara y'abantu bamenyesha ko poritike ya reta ihari kuri iki kiza ari ukugipima, kuvura abakirwaye no guhimiriza abantu kucirinda, ariko ko ivyo kwicandagisha bitarimwo.
Reta ariko ubu yugururiye imiryango incanco ishobora kuronswa na Banki y'isi kugira ngo "uwuzoshaka ariwe azokwicandagisha", nk'uko umushikiranganji w'amagara y'abantu yabivuze.
Gushika ubu reta y'Uburundi ntishigikiye ivyo gucandaga Covid nk'uko vyumvikana mu mvugo z'abategetsi, ibi vyongereza amadidane mu benegihugu batari bake ku bushobozi bw'incanco za Covid zemejwe n'abahinga.
Ingingo yo kwemera kuronswa incanco ariko reta ntizihimirize abenegihugu benshi bayivuzeko ibitandukanye ku rubuga rwa Facebook rwacu.
Bimwe bimwe ni ibi ngaha:
Japhet Céle
Abafash iy ngingo bubahwe baciye ubwenge. Icambere hari igihe bokwanka bagasanga bahomvye uruncanco rumeze neza. Ku rundi ruhande hari igihe bokwemera bagasanga bemeye ibitwicira ubuzima. Rero ndakunze ukuntu batabaye nk'imbata imenya ko imize ikintu kitarika aruko camaze gushika mu muhogo. Umurundi wese ahari afate kamwe ndaje kuriha kuko kirazira kwigerezako
Fabien Ndayizeye
Novuga ko biteye isoni kuri Leta Mvyeyi !Wemere ko bakuzanira urucanco,hanyuma ngo sinzosaba abantu banje kwicandagisha?Quelle irresponsabilité !!!Hari amaleta yemeye neza izo ncanco,kandi n'abakuru b'ibihugu bakaziterwa.Hako basesaguza Banque mondiale ng'izane incanco batazozikoresha,nibazihe abazikeneye bareke kwigenza nk'abariko bakina comédie !!!
Stany Barutwanayo
Ni vyiza kubanza kuraba uko ziriko zirakora, bongere basuzume neza ko izo batuzaniye arizo bariko baha ab'iwabo. Kuko urazi ko abazungu ata rukundo bafitiye Africa
Mubindi Wirabura
Urugendo rwa samia suluha hasaan biragaragay ko yaratumw kur mugnzi w ko ategerezw kwemeer icanco bitabay ivy tanzania ikugara frontiere nibivayo vyos. Imana idutabare 666 iratanguy
Etienne Nsanzamahoro
Kuzaruntera bizabasaba kubanza kumboha naho ubundiho mbona abazungu ivyo bateguye bagira babishikeko, ndashimiye indongozi zacu kuba ruziteza uwushatse none ko bobo batavyiteza ??
Harakaza Jackson
Twee tumaza kwa applying covid vaccine knd na appointment twayihawee buja
Banabimana Balthazar
Uko bemeye kuzitora ninako bazohatara abantu kuziteza. Gusa ntaho woshobora gukwepera umuzungu ntanahamwe. Abashatse kubigerageza urabona kobahise basezera isi vyihuse, Kandi bose urabona kobapfuye impfu zimwe bose imitima yarahagaze Magufuri, Peter. Abo nibo bagabo Africa yarisigaranye
Kizigenza Tuyishime Putin
Abarundi bakwiye kuva mu bintu bidasobanutse nk' Abana batoya none bumva bazakiriye ngo zimare iki? mu gihe badakingira abanyagihugu babo.
Sibori Callixte
Ubarundi ndabemera cyane bameze kakagasimba gakandagira kumviriza ngo ntawamenya isi yarashaje! (Chameleon zubahwe kweli)
Ntirushwa Samuel
Nibindi byose bazabyemera kuko basa nabatazi ibyo barimo nimagufuri wabashukaga
Egide Nzambi
Abazungu bakumbuye KO tubiyamiriza ndabibona. Burya ministre wacu yarengewe ndabibona, abanegihugu tuvire hasi rimwe tumushigikikize imyigaragamvyo, bagira batumarishe incanco!
Mutabazi Fabrice
Burya ngo twarikukiy?iki sikimenyetso ko tukiri mubukoroni!nimba reta itegekwa gutanga inkingo nayo ubwayo ifiseko amakenga ikemera kubera indonk zamadorari twikukiy gut?utigaba ntiyigaburira nuguca bugufi umuzungu aducinyiz!ntabugabo kuwushonj kabisa!
Frederic Niyonsaba
La nuit porte conseil !burya gufata icemezo wihuse,hari Aho usanga waguye mw'ikosa.reka abazikeneye cane babanze bazifate kuko igihe uburundi bwafatiye ingingo KO abenegihugu Bose bicandagisha,izoba campagne de vaccination de cinq jours gusa Aho abandi biriko bitwara imisi myinshi kuko ntabenshi bazoba bakizikeneye.
Muhirwa Gitambwe Chimpesh
Reta y'Uburundi ifise ubwenge burenze pe. Ndashimye kuba bafashe ingingo nkiyo yo kudasaba abantu kwicandagisha. Uwubishaka agende, uwutabishaka areke!
Théo Walcott Kabirigi Niyonkuru
Umuvyeyi wacu Suhulu yararutewe ejo urumva natwe abana ntitwogambararira umuvyeyi !!!Tanzania iradufise muminwe !!!
Rémy Citegetse
Bizoteb biba itegeko.kuko bazoc bavug ngo service kanak ntuzokwijir uterekany ko wicandagishije.munyum batangur gufat ab muri bus.bizob vyaheze kuba itegeko.muzob mumbwira
Salvatore Ndi Ne
Non yazisabiy iki ? Ziz ziborre ngaho munyuma baj kuzita baturir kand hariho ibihugu bizikeney haricihishij inyuma Leta yingomber irya mfashanyo gusa yamadolari 78 million !!!
EL Chebazz
Nkimara kubona Tanzania izifashe nahise mbona ko hasigaye U Burundi... Erega ntiwarwanya gahunda yi isi..










