Uburyohe bw'umukate n'isoda nibwo bwatumye Phenny Awiti yemera kwipimisha umugera wa SIDA

Uburyohe bw'umukate n'isoda nivyo vyatumye Phenny Awiti aja kwipimisha maze amenya ko afise umugera wa SIDA

Ahavuye isanamu, Phenny Awiti

Insiguro y'isanamu, Uburyohe bw'umukate n'isoda nivyo vyatumye Phenny Awiti aja kwipimisha maze amenya ko afise umugera wa SIDA

Phenny Awiti ni umunyakenya agendana umugera wa SIDA. Yagiye kumenya ko yanduye mu mwaka wa 2008 yiga mu mwaka c'icenda igihe ishirahamwe rimwe ryariko ripima uwo mugera mu banyeshure.

Yemeye ko bamufata amaraso kubera iryo shirahamwe ryari ryemereye abanyeshure ko uwemera ko amufata amaraso bakamupima aca aronka umukate n'isoda.

Iryo shirahamwe ryabemerera ivyo mu ntumbero yo kubahimiriza kwipimisha.

Uburyohe bw'umukate n'isoda nivyo vyatumye ico gihe Phenny yemera ivyo atokwemeye.

Avuga ati: "Ico gihe jewe nari nkeneye kwironkera gusa umukate n'isoda twari twemerewe. Mbere n'impanuro bampa imbere y'uko bamfata amaraso ewe nabona ko bariko bantesha umwanya, bantevya kwironkera isoda n'umukate".

Haciye akanya gato gusa inyishu z'ibipimo zirasohoka, zerekana ko Phenny yari afise umugera wa SIDA.

Ivyo ntaco vyamubwiye kuko wewe ico yabona muri uwo mwanya ni uko yari yironkeye umukate n'isoda, vyari nk'inzahabu ku bana bari mw'ishure ry'uburaro.

Ati: " Iciyumviro c'uko mfise umugera caje kunzamwo haciye iminsi".

"Ivyiyumviro bimbanye vyinshi, niho nafata ingingo y'ukubibwira mugenzanje nari nizigiye cane ko yongumiriza akabanga, ariko nticabujije ko inkuru y'uko mfise umugera ikwiragira mu kanya gato ku buryo umuntu uwa ari we wese kw'ishure yamenye ko mfise umugera".

Mu bana batandatu, Phenny Awiti, umuhererezi, ni we wenyene yasanze yaranduye umugera wa SIDA

Ahavuye isanamu, Phenny Awiti

Insiguro y'isanamu, Mu bana batandatu, Phenny Awiti, umuhererezi, ni we wenyene yasanze yaranduye umugera wa SIDA

Uyo muhererezi mu muryango w'abana batandatu yagiye gutangazwa n'uko abo bavukana bari bazi ko yari afise umugera, ariko bakabigira ibanga ku mvo bavuga ko bananiwe no kumubwira.

"Numvise ko ata muntu uwo ari we wese nokwizigira, nongera ndashavurira mama yamvyaye bimwe bikomeye, eka ndamwidogera. Kuko mu bana batandatu bose, ni jewe jenyene mfise umugera".

Ubwo buzima Phenny yabayemwo bwatumye anenwa.

Ati: "Hari igihe narwara igihute kinini ku nda cantumye ntanashobora kugendagenda. Ndabibwiye umurezi yari kw'izamu uyo munsi, yanyishuye ko adakeneye kumenya ko mfise canke ntafise umugera, ati uragenda vyanka vyakunda. Narinanase ndandara buke buke gushika mw'ishure".

N'aho vyabaye ngombwa ko aza aranyegeza imiti yafata kubera yanka kumaramara mu gihe bomubona ariko afata imiti y'ugupfupfahaza (ARV), abigisha bobo ntibamworohereje.

"Hari abigisha bashobora kuza mw'ishure bakabaza bati 'Phenny ni nde', hanyuma bagaca bigira... bivuga ko bari bumvise igihuha, bagashaka kumenya uwo ari we".

Ni bwo buzima yabayemwo mu kiringo c'imyaka ibiri yose gushika aheze amashure. Hagati aho, muri iyo myaka yose Phenny yayibayemwo mu buguruguru.

"Nari umwana aciye ubwenge cane ariko nagiye kuba umuguruguru kubera ibibazo vy'umubiri n'umutima nahuye navyo mu buzima. Nari nizigiye ko ubuguruguru bwari kuntuma nkira umugera".

Uko iminsi yagenda niko Phenny yagenda ashira ubwoba, aremera uko ari. Amaze kurangiza amashure yisumbuye, yarabandanije n'ibindi vyigwa, ivyo navyo bikaba vyaramufashije kwiyemera.

Phenny Awiti yari umwana aciye ubwenge, ariko mu nyuma aza kwigira umuguruguru yibwira ko bwashobora kumutuma akira umugera

Ahavuye isanamu, Phenny Awiti

Insiguro y'isanamu, Phenny Awiti yari umwana aciye ubwenge, ariko mu nyuma aza kwigira umuguruguru yibwira ko bwashobora kumutuma akira umugera

Umugera wa SIDA wandukira uciye mu mibonano mpuzabitsina n'umuntu asanzwe awugendana, canke umuvyeyi akandukiza umwana mu kwibaruka canke mu kumwonsa, canke gukoresha ibikoresho bitobora uruhu vyakoreshejwe n'uwusanzwe agendana umugera wa SIDA.

Hagati aho, Phenny yarashoboye kuronka umukunzi yemeye kwubakana nawe kandi yari akomeye, n'aho bahukanye haciye imyaka mikeya .

" Namenyanye nawe ndamweretswe na mugenzanje. Ambwira ko ankunda n'aho nari mfise umugera, mbere turanavyara abana babiri bose bakomeye, Faraja na Ahadi".

Mama Faraja ashimangira ko atandukije abana biwe kubera bakurikije impanuro z'abaganga.

Mu mwaka wa 2017 Phenny yaritangaje ko arwaye umugera wa SIDA abicishije ku rubuga rwa Facebook.

Ati: "Igihe kimwe navyutse numva naruhishijwe no kwama ndiko nsigurira umwe umwe ivyerekeye amagara yanje, niho nandika ubutumwa kuri Facebook menyesha ko ngendana umugera wa SIDA.

Nari mfise abagenzi 15 bonyene kuri Facebook, ariko icantangaje ni ingene ubwo butumwa bwakwiragiye hose mu kanya gato, bintuma ngira ivyiyumviro vyinshi kuri iyo ndwara. Niho naciye numva ko nkwiye kugira uruhara mu vyerekeye ukwigisha ibijanye n'umugera wa SIDA ".

Uburyohe bw'umukate n'isoda nivyo vyatumye Phenny amenya ko afise umugera wa SIDA

Ahavuye isanamu, Phenny Awiti

Insiguro y'isanamu, Uburyohe bw'umukate n'isoda nivyo vyatumye Phenny amenya ko afise umugera wa SIDA

Aciye kuri urwo rubuga, yaciye atangura guhimiriza abantu ku vyerekeye umugera wa SIDA.

Mu kwezi guheze, mama Ahadi yarubakanye n'uwundi mukunzi, na we nyene asanzwe agendana umugera wa SIDA.

Phenny yatangaje abatari bake inyuma y'aho amenyeshereje ku mbuga hwaniro ko afise imbanyi kandi ko ari mu kwibaruka umwana agira gatatu.

Avuga ati: "Nshaka kwereka abandi ko umuntu asanzwe agendana umugera wa SIDA ashobora gusama imbanyi kandi akavyara umwana akomeye "

Ariko none ivyo birashoboka?

Umugera wa SIDA

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umugera wa SIDA

"Imbere y'uko hanatangura kuboneka imiti y'ugupfupfahaza, mu bagore bari basanzwe bagendana umugera wa SIDA, hari bamwe bavyaye abana bakomeye, abandi nabo bakavyara abamaze kwandukizwa ...ivyo bivuga ko bivana n'urugero umugera ugezeko. Umugera wandukira igihe umaze kugera ku rugero rwo hejuru.

Rero iyo umuntu asanzwe afata imiti y'ugupfupfahaza (ARV), umugera uragabanuka, gutyo umuvyeyi akanashobora kwonsa umwana wiwe ntamwanduze"

Ingorane nini ni uko abantu benshi bagendana umugera wa SIDA usanga banenwa mu kibano.

Phenny avuga ati: "Hari abantu benshi bibaza ko inzira yonyene y'ukwandura umugera wa SIDA ari imibonano mpuzabitsina, cane cane biciye mu bumaraya, ariko sivyo. Nka jewe nandujwe na mama. Ariko haracari abantu benshi ku mbuga bakimbwira ko mbesha, ko ahubwo nawanduye nciye mubumaraya..."