Umugore wo muri Nouvelle-Zélande yapfuye inyuma y'uko atewe urucanco rwa Pfizer

Ubushe bwo ku mutima ni ingaruka y'incanco za Covid za Pfizer na Moderna "idakunze kwibonekeza"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubushe bwo ku mutima ni ingaruka y'incanco za Covid za Pfizer na Moderna "idakunze kwibonekeza"

Igihugu ca Nouvelle-Zélande/ New Zealand catangaje umuntu wa mbere cemeza ko yapfuye biturutse ku rucanco rwa Covid-19 yatewe.

Umurwi wigenga w'abahinga bakurikiranira hagufi ibijanye n'umutekano w'incanco uvuga ko urupfu rw'uyu mugore "rushobora" kuba rwavuye ku ndwara ya myocardite/myocarditis, indwara y'ubushe bw'umutsi w'umutima.

Uvuga kandi ko hari ibindi bibazo vy'amagara bishobora kuba "vyatumye uru rucanco rugira ingaruka mbi".

Abagenduzi ba Bulaya bavuga ko myocardite/myocarditis ari ingaruka "zidakunze kwibonekeza" kandi ko inyungu z'uru rucanco zirengeye cane ingaruka mbi zishobora kubaho.

Hagati aho, impamvu nyamukuru y'uru rupfu ntiramenyekana.

Ariko, umurwi ukurikiranira hagufi ibijanye n'incanco za Covid ( Covid-19 Vaccine Independent Safety Monitoring Board) uvuga ko myocardite/myocarditis "ishobora kuba yatewe n'uru rucanco".

Mw'itangazo wasohoye, uyu murwi uvuga ko ari rwo rupfu rwa mbere muri Nouvelle-Zélande rufitaniye isano n'urucanco Pfizer rwa Covid-19.

Iri tangazo ribandanya riti: "N'aho ikigo kijejwe gukurikiranira hagufi ingaruka mbi z'incanco (Centre for Adverse Reactions Monitoring) umaze kuronka ayandi makuru y'umuntu yapfuye haciye imisi acandazwe, nta na hamwe izi mpfu zifitaniye isano n'urucanco".

Urupfu rw'uyu mugore ruriko rurakorwako amatohoza yimbitse, uwujejwe kuyakora akaba yiteze gutanga icegeranyo. Abategetsi nta yandi makuru baratanga, harimwo n'imyaka y'uyu mugore.

Ikigo kijejwe imiti ca Bulaya (European Medicines Agency, EMA) kivuga ko ingaruka za myocardite/myocarditis ziturutse ku ncanco za Covid za Pfizer na Moderna, "zidakunze kwibonekeza", kikongerako y'uko zikunze kwibonekeza cane cane ku bagabo bakiri bato.

Nk'akarorero, Ubwongereza buvuga ko bwaronse abantu 195 bahuye n'ico kibazo ca myocardite/myocarditis mu bantu batewe urucanco rwa Pfizer, iki giharuro kikaba kiri ku rugero rwa 5/1.000.000.

Ikigo EMA gitera akamo abanyagihugu ko bobandanya bicandagisha, kuko bituma abantu badasinzikazwa na Covid-19.

Mu bimenyetso vya myocardite/myocarditis harimwo ububabare mu gikiriza, ukubura impemu n'umutima utera ku rugero rudasanzwe.

Abahinga basaba umuntu uwo ari we wese afise ibi bimenyetso mu misi ikurikira urucanco kwihutira kwa muganga kugira ngo abaganga bamukurikirane.

Kuri uno wa mbere, abategetsi ba Nouvelle-Zélande, batangaje ko ata "makenga bafitiye urucanco rwa Pfizer muri Nouvelle-Zélande".