Japan yabaye irahagarika doze imiriyoni 1.6 za Moderna ku bwoba bw'uko zoba zirimwo imicafu

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubuyapani bwahagaritse ikoreshwa rya doze hafi imiriyoni 1.63 z'urucanco rwa Moderna ku bwoba bw'uko zishobora kuba zirimwo imicafu.
Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu buvuga ko mu ducupa hafi 560.000 batoye uko nyene basanzemwo harimwo "ibinti bidatomoye".
Ikigo Takeda Pharmaceutical kigurisha kikanatanga uru rucanco mu Buyapani, kivuga ko Moderna yaciye iba irahagarika imizigo itatu mu kwicungera.
Kivuga ko vyoba vyavuye ku kagorane ku kigo co muri Espagne gisanzwe gihingura uru rucanco, ariko ntigitanga insiguro.
Moderna ivuga iti: "Gushika ubu, nta kibazo c'umutekano canke kijanye n'ubushobozi bwayo cari bwigere cibonekeza".
Ivuga ko igiye gukorana n'abagenzuzi hamwe n'ikigo Takeda kugira hakorwe amatohoza ku vyabaye.
Nta nsiguro zatanzwe kuri ibi "bintu bidatomoye" basanzemwo, ariko Takeda ivuga ko ari akantu gatoya, ivuga ko yaciye yihutira gukorera amatohoza.
Amakuru y'uko izi doze zirimwo imicafu yatanzwe kandi n'ibindi bigo indwi vyo gucandaga, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Japan Times, aho basanze uducupa 39 twabonetse ko turimwo iyi micafu.
Japan Times yongerako y'uko ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwasohoye amanomero y'iyi mizigo kugira ngo abantu bari baronse urucanco imbere y'uko ruhagarikwa bashobore kuraba nimba batoba bahawe urucanco rwanduye.
Ubuyapani buhanganye n'ibitigiri vy'abandura Covid bigenda biduga, intara zindi umunani zikaba zashizwe ku mategeko adasanzwe kuva ejo ku wa gatatu.
Umugwa mukuru Tokyo muri kino gihe uriko uberamwo za nkino za Paralympic zihuza abanonotsi bagendana ubumuga.
Iki gihugu caramaze kwemeza ikoreshwa ry'incanco za Pfizer na AstraZeneca - cari catanguye gukoresha Moderna mu kwa gatanu.
Ibice 40% birenga gato vy'Abayapani nibo bamaze gucandagwa, nayo ibice hafi 50% bakaba bamaze kuronswa doze imwe.










