Ibintu bitanu bisigura Messi avavanura na Barcelona

Messi

Ahavuye isanamu, EPA

Ivya Messi muri FC Barcelona birarangiye.

Inyuma y'imyaka 21 muri uno murwi wo mu ntara ya Catalan, uyu musatirizi nta yandi masezerano agiye kuronka, n'aho impande zompi zari zamaze gushika ku masezerano y'intangamarara, hasigaye akanyuma gusa.

Ariko hari akantu kabaye mu minota ya nyuma.

Ico Barcelona yakoze conyene, kwabaye ukumenyesha ko ata masezerano mashasha "ashobora kuba kubera inzitizi zishingiye ku mafaranga n'inzego".

Ivuga iti: "Impande zompi zirababajwe n'uko ivyipfuzo vy'uyu mukinyi be n'umurwi bidashobora kuja mu ngiro".

"Barça irakengurukiye n'umutima wayo wose uruhara rw'uyu mukinyi mu gukomeza uwu murwi, ikaba imwipfurije kuroranirwa mu buzima bwiwe bwite, ndetse no mu mwuga wiwe".

Messi ntaco yashimye gushoka atangaza.

Nk'uko amakuru aca mu kinyamakuru ca Catalan, Mundo Deportivo, abivuga, "uyu musatirizi wa Argentina arababaye cane", ku buryo ata mugambi afise wo kugira ico abivuzeko.

Ariko none, ni ibiki vyoba vyatumye iyi migenderanire, imwe mu yikomeye cane mu gisata c'umupira w'amaguru kw'isi muri kino gihe, itabandanya?

1. Icuka kibi mu 2020

Messi yatanguye gukina mu murwi mukuru wa FC Barcelona mu 2003, afise imyaka 16

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Messi yatanguye gukina mu murwi mukuru wa FC Barcelona mu 2003, afise imyaka 16

Nta kintu Messi atatsindiye mu gihe cose amaze muri Barca: ibikombe cumi vyose vya La Liga, ibikombe bine vyose vya Champions League/Ligue des Champions (Ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya), ibikombe indwi vy'ihiganwa ryitiriwe umwami (Copa del Rey), ibikombe bitatu vya European Super Cup/ Supercoupe d'Europe (urukino ruhuza imirwi yatsindiye Champions League na Europa League), hamwe na bitatu vya Club World Cup (ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere ku migabane).

Ku gatwe kiwe, avuye muri uwu murwi awutsindiye ibitsindo 672 vyose, bikiyongera ku mupira w'inzahabu (Ballon d'Or ) yatahukanye incuro zitandatu zose.

Messi, ubu afise imyaka 34, yaboneka ko yorangirije umwuga wiwe muri uwu murwi yinjiyemwo afise imyaka 13.

Ariko rero, Messi nta munezero yari agifise muri Barcelona.

Mu mwaka uheze, yariyamirije uburongozi bw'uwu murwi, anamenyesha ko yipfuza kuwusezerera, mu kuvuga ati: "Haciye igihe ata nteguro ihari kandi nta kintu, babandanya bafyinata bapfukapfuka gusa".

Ico gihe, mu kiganiro n'ikinyamakuru ngurukanabumenyi, Goal, yavuze ati: "Umukuru w'umurwi [Josep María Bartomeu] yahora avuga ko ihiganwa rirangiye nshobora guhitamwo niba nshaka kugenda canke niba nshaka kubandanya, amaherezo yiwe ni uko ivyo yiyemeje ata na kimwe yakurikije".

Kugira ngo yirinde impari mu butungane, uyu munya Argentina yahisemwo kwihangana mu bubabare hamwe no kwinumira kugira ngo ntahangane n'umurwi wamukujije.

2. Ibiganiro ku mushahara bitagenze neza

Messi yinjirije FC Barcelona ibitsindo 672, nta wundi mukinyi yari bwabishikeko muri uwo murwi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Messi yinjirije FC Barcelona ibitsindo 672, nta wundi mukinyi yari bwabishikeko muri uwo murwi

Igenda rya Josep María Bartomeu n'umuzo wa Joan Laporta ku burongozi bw'uwu murwi wa Catalan, vyahinduye imigambi ya Messi.

Uyu mukinyi yari yishimiye imigambi ya Laporta yo kunagura uyu murwi.

Mw'ihiganwa rirangiye, uwu murwi ntiwashoboye gushika ku ntego zawo zose: waratsindiye Copa del Rey, ariko warangije ihiganwa rya La Liga ari uwa gatatu, unatsindwa mu rukino rwa nyuma rwa Spanish Super Cup (ruhuza umurwi watahukanye ihiganwa La Liga rya Espagne n'umurwi watsindiye igikombe ca Espagne), unatsindirwa mu gice ca kabiri ca Champions League.

Ariko n'aho vyagenze uko, Messi na Laporta barumvikanye ko bogiriranira amasezerano agira 11 n'uyu mukinyi.

Ariko ibibazo vy'amafaranga uwu murwi ufise vyaje kwica vyose.

Nk'uko bimeze no mu yindi mirwi, FC Barcelona iri mu bibazo vy'amafaranga vyatewe n'ikiza karanda ca coronavirus, bituma ubutunzi bugabanuka.

Messi yari yemeye kugabanirizwa umushahara yari asanzwe ahembwa gushika ku bice 50% - akaba yari asanzwe ahembwa hafi imiriyoni 165 z'amadorari y'abanyamerika nk'uko ibinyamakuru vyandika amakuru y'inkino bibivuga - akabandanya akinira FC Barcelona gushika mu 2026.

Haciye imisi yicandagishije, Messi yasubiye i Barcelona, aho ku wa kane yari yiteze gutera igikumu kuri aya masezerano mashasha.

Ariko si ko vyagenze.

3. Urugero rw'umushahara ntarengwa rwarishe vyose

Uwu murwi urongowe na Joan Laporta ivuga ko utegerezwa gukurikiza ingingo zafashwe La Liga

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uwu murwi urongowe na Joan Laporta ivuga ko utegerezwa gukurikiza ingingo zafashwe La Liga

Guha amasezerano mashasha Messi vyasigura ko Barça yategerezwa kwongereza amafaranga yo kuriha imishahara y'abakinyi, ivyari gutuma yisanga yarengeje urugero rw'amafaranga imirwi yemerewe gukoresha mw'igihangwa rya Espagne.

Ibi navyo biva ku mafaranga yinjizwa, aya nayo akaba ari make kubera iki kiza karanda ca corona.

Mu gihe mu mwaka w'inkino wa 2020-2021 yari yemerewe gukoresha amafaranga agera ku miriyoni 600 z'amadorari y'abanyamerika, mu mwaka uza yemerewe kutarenza imiriyoni zababa 410.

Hanyuma kandi, kugira ngo Messi ashobore gutera igikumu ku masezerano mashasha, vyari ngombwa ko haba abakinyi bagurishwa kugira ngo uwu murwi ushobore kuriha imishahara y'uyu kizigenza wa Argentina.

Aha rero, mw'itangazo ryo ku wa kane, uwu murwi watangaje ko hari "inzitizi zishingiye ku butunzi n'inzego", wisunze "amategeko ngenderwako ya La Liga", aya nayo akaba ajanye n'urugero ntarengwa rw'imishahara.

Aha, La Liga ntaco yashotse itangaza.

4. Barça yaranse umutahe watanzwe

Umukuru wa La Liga, Javier Tebas, avuga ko ata murwi n'umwe ushobora kuja kubiri n'ibijanye n'urugero rw'imishahara rwashinzwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa La Liga, Javier Tebas, avuga ko ata murwi n'umwe ushobora kuja kubiri n'ibijanye n'urugero rw'imishahara rwashinzwe

Mu gihe bari bakiri mu biganiro, ku wa gatatu hatangajwe amasezerano hagati ya La Liga n'ikompanyi iguriha imitahe, CVC Capital Partners.

Aya masezerano, ataremezwa n'inama nkuru y'uwu murwi gushika mu misi iri imbere, ashobora gushiramwo imiriyoni 3000 z'amadorari y'abanyamerika mu mupira w'amaguru muri Espagne, muri yo ibice 90% bikagabanganwa hagati y'imirwi.

N'aho igice gito cane (15%) ari co gishobora gukoreshwa mu kuriha imishahara, uwu mutahe ushobora gufasha kwongereza urugero rw'umushahara.

N'aho uwu mutahe utarangije ibibazo vy'imishahara uwu murwi ufise, abihweza ibintu n'ibindi babona ko bwari uburwo bwo gutorera inyishu ikibazo c'amasezerano ya Messi.

Kuri FC Barcelona, iyo ntiyariyo nyishu, kuko ku wa kane yamenyesheje - haciye amasaha ivya Messi bishikirijwe - ko itemera aya masezerano.

Barça yavuze ko idakwiye gutera igikumu kuri aya masezerano kubera impungenge zibonekeza mu gisata c'umupira w'amaguru muri kino gihe.

5. Messi yasaba ibindi atari amafaranga

Messi

Ahavuye isanamu, Getty Images

N'aho Messi yari yemeye umushahara yari guhabwa kugira ngo abandanye akinira FC Barcelona, hari ibindi bintu uwu murwi udashobora kumuha.

Ibinyamakuru vyo muri Espagne vyemeza ko uyu munya Argentina yasavye ko bagura mugenziwe Cristian Romero, ariko uwu murwi ntiwashoboye gushika ku masezerano n'uyu mukinyi w'inyuma.

Mu ndwi ziheze, warashoboye kugura Sergio Kun Agüero na Memphis Depay, ariko Messi yabandanije avuga ko batari bahagije kugira ngo uwu murwi ushobore guhangana n'iyindi mirwi ikomeye.

Laporta yari yatangaje ko ejo ku wa gatanu yari kubonana n'abanyamakuru kugira ngo asigure vyinshi ku bijanye n'itangazo yasohoye ryateje nyamugigima mu gisata c'umupira w'amaguru.

Línea

None bizoherera he?

N'aho vyagenze uko vyagenze, umuhinga Andy West abona ko ibi bishobora kuba bidasigura ko imigenderanire hagati ya Messi na FC Barcelona irangiriye aha.

Uyu muhinga mu bijanye n'umupira w'amaguru muri Espagne yabwiye igisata ca BBC kijejwe inkino, BBC Sport, ati: "Mu vy'ukuri, n'aho ari ingingo ya nyuma, ishobora gutuma umurwi utakaza igihagararo mw'ihiganwa rya La Liga".

"Impera n'imperuka turashobora gusubira kubona Lionel Messi mu mwambaro wa Barcelona".

Kuva mu mwaka uheze igihe atangaza ko yipfuza gusezera uwu murwi, Manchester City na Paris Saint Germain, yompi ni yo mirwi yaboneka ko uyu musatirizi wa Argentina ashobora kwimukiramwo.

N'aho imiryango yasubiye kwugururwa kuva iri tangazo rishizwe ahabona ku wa kane, Manchester City, ihejeje kwerekana uwundi musatirizi, Jack Grealish, azoba yambaye inomero 10 mw'ihiganwa buca ritangura.

Messi avuga kandi ko yamye afise icipfuzo co kuba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kugira ngo akine mw'ihiganwa ryo muri ico gihugu MLS

Uko vyogenda kwose kuri kazoza kiwe, ikizwi ni uko ubu Messi ari umukinyi yedegemvya, inyuma y'aho amasezerano yari afitaniye na FC Barcelona arangiriye, hari ku wa 30 z'ukwa gatandatu, 2021.