Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tokyo: igitero c'imbugita muri gari ya moshi cakomerekeje cumi
Umugabo yateye ingenzi bagenziwe bari kumwe muri gari ya moshi i Tokyo akoresheje imbugita (icyuma mu kinyarwanda) mw'ijoro rya nijoro ku wa gatanu, akomeretsa abantu cumi.
Uyo mugabo w'imyaka 36 yagirizwa, avugwa ko yabwiye abporisi ko yatewe n'uburakari igihe yabona abagore bari baryohewe aca yumva ashaka kubica, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.
Umwe mu bakomeretse, umwigeme w'umunyeshure, avugwa ko yakomeretse cane, hampande y'abandi bakomeretse bisanzwe.
Ubugizi bwa nabi ntibukunze kwibonekeza mu Buyapani, mu gihe umutekano wongerejwe cane i Tokyo isanzwe iriko iberamwo za nkino za olempike.
Uyu mugabo yakoze ico gitero hafi y'igituro ca Seijogakuen nk'isaha zibiri n'iminota 40 (20h40) nijoro ku wa gatanu.
Vyabaye ngombwa ko umudereva w'iyo gari ya moshi ayihagarika amaze kwumva induru.
Abajejwe amatohoza bavuga ko uwagirizwa gukora ico gitero yaciye asimba ariruka.
Umwe mu babibonye, akaba yari muri iyo gari ya moshi, yabwiye ikinyamakuru NHK co mu Buyapani ko abantu baciye biruka bahungira aho yari ari, bava mw'ibehewa baja mu yindi.
Uwukekwa gukora iki caha yaciye yishikana kw'iduka, maze abwira abakozi bayo ko ari we "yakoze ibivugwa mu binyamakuru", kandi ko yari arushe no guhunga.
Mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, igiporisi ca Tokyo catangaje ko cafashe umugabo ari mu kigero c'imyaka 30 ariko nticavuze ko ari uyo mugabo canke ngo gitange izindi nsiguro.
Icenda muri abo cumi bakomeretse baciye banyarukanwa ku bitaro, ariko uwundi nawe akaba yaciye ahunga.
N'aho Ubuyapani ari kimwe mu bihugu bitekanye cane kandi butarwiriyemwo ubugizi bwa nabi, hari ibitero vy'imbugita vyagiye biba muri ino myaka ya vuba.
Mu 2019, hari umugabo yateye abana bari barindiriye imodoka ngo ibajane kw'ishure i Kawasaki. Babiri barishwe abandi nabo bababa 18 barakomereka.