Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amasanamu y'umunsi intambara ya kabiri y'isi yose irangira, haciye imyaka 75
Ku wa 15 z'ukwa munani, haciye imyaka 75 intambara ya kabiri y'isi yose irangiye, inyuma y'aho Ubuyapani bumanikiye amaboko butewe ibibombe bibiri ruhonyanganda vy'ubumara.
Inyuma y'aho Ubuyapani bitangarije ko bihagaritse intambara ku wa 15/08/1945, ibihugu vy.Ubwongereza, Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Australia vyaciye bitangaza akaruhuko k'iminsi ibiri ko kwigina iyo ntsinzi.
Amamiliyoni n'amamiliyoni y'abantu mu gihugu vyari vyagiye hamwe kugira birwanye Abanazi n'incuti zabo baciye biha amabarabara mu minsi mikuru yo kwigina iyo ntsinzi.
Ubudagi bwobwo bwari bwamaze kwemera ko bwatsinzwe mu kwa gatanu igenekerezo rya 08 1945, ariko Ubuyapani bwabandanije intambara mu karere ka Aziya n'amazinga yo mw'ibahari Pasifike
Abasirikare baharurwa mu 71,000 b'Ubwongereza n'incuti zabwo zo mu muryango wa Commonwealth nibo bapfiriye mu ntambara n'Ubuyapani nayo abandi 12.000 bari bagizwe imbohe bapfira mu maboko y'Abayapani.
Ubuyapani bwarafashe nabi cane imbohe zo mu ntambara, zarimwo abasirikare b'Abongereza n'Abanyamerika bari bafashwe mpiri.
Intambara irangiye i Bulaya, ingabo zari zishize hamwe kugira zirwanye Abanazi n'abo bari bafatanije bategetse Ubuyapani gushira amaboko hejuru ku wa 28/07/1945, ariko bwica amatwi.
Ubuyapani bwagiye kwemera ko habavye Amerika imaze gutera vya bibombe ruhonyanganda vy'ubumara ku bisagara bibiri Hiroshima na Nagasaki, ku wa 06 na 09 z'ukwa munani 1945, buca burashira aho intahe ishize.
Mu gisagara ca Hiroshima, abantu baharurwa mu 140.000 kuri 350.000 baba muri co nibo baharurwa ko bapfuye, hamwe n'abarenga 74.000 mu gisagara ca Nagasaki.
Inyuma y'ibihuha vyakurikiye ivyo bibombe vy'ubumara, umukuru w'igihugu wa Amerika ico gihe Harry S Truman yaciye atangaza inkuru y'ugutsindwa kw'Ubuyapani ku wa 14/08/1945.
Mw'ijambo yashikirije isinzi ryari imbere ya Maison Blanche/White House, Perezida Truman yavuze ati: "Uyu niwo munsi twari turindiranye igishika kuva umunsi Pearl Harbor iterwa. Uyu niwo munsi abansi ubwabo burangiye, nk'uko twari tuvyiteze".
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Clement Atlee, yasubiriye Churchill yavuze ati: "Abansi bacu bagiye batsindwa "
Yashimiye incuti zose z'Ubwongereza, ibihugu vya Australia Nouvelles Zelandes Ubuhindi na Burma, ibihugu vyose vyari vyigaruriwe n'Ubuyapani, hamwe n'Uburusiya.
Yongeye ashimira vyihariye Amerika avuga ko "iyo itaba yo intambara mu karere k'ubuseruko yari kubandanya iyindi myaka itari mike".
Ku munsi wakurikiye, umwami w'abami w'Ubuyapani Hirohito yumvikanye kuri radiyo - ibitari bwigere bibaho - atangaza ko ibibombe ruhonyanganda, ruburakigongwe, vya Amerika ari vyo bitumye Ubuyapani bumanika amaboko ataco burinze gusaba.
Yongeyeko ati: "Mu gihe twobandanya intambara, igihugu cy'Ubuyapani cose kirafise kuzimangana ubutakigaruka, abanyagihugu bakarimbuka bagahera burundu".
I Londres mu Bwongereza, umuryango w'ibwami warahagaze kw'ibaraza uramutsa isinzi ry'abariko barigina ku kirimba ca Buckingham.
Umuganwakazi Elizabeth hamwe n'umuganwakazi Margaret nabo nyene bahavuye bahamvya isinzi ryari ku kirimba.