Umwami w’abami Akihito w’Ubuyapani yatanze imihoho, uwa mbere mu myaka 200

Umwami w'abami Akihito w'Ubuyapani yamenyesheje ko atanze imihoho mu birori vyabereye ku kirimba co ku mugwa mukuru Tokyo.

Mw'ijambo ryiwe rya nyuma nk'umwami w'abami, Akihito yashikirije ibimenyetso vy'ubutegetsi, anashimira n'abanyagihugu ku kungene bamushigikiye mu myaka 30 yose yari amaze ku ngoma.

Yavuze ati: "Ndashimiye cane abanyagihugu banyemereye ko ndababera ikimenyetso cabo bakananshigikira".

"Ndi kumwe n'umutambukanyi wanje, ndizeye n'umutima wanje wose ko ingoma ya Reiwa izoba iy'amahoro n'iterambere, kandi nkipfuriza ubuzima bwiza n'umunezero igihugu cacu n'isi yose".

Abandanya ari ku ngoma gushika isaha zitandatu z'ijoro kuri uyu wa kabiri.

Ibirori nyamukuru vy'ugutanga vyabereye mu cumba c'ingoro imbere y'abatumire 300, harimwo n'umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe, igikomangoma Naruhito, n'igikomangomakazi Masako.

Muri ivyo birori, umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe yashikirije ijambo imbere y'umwami w'abami Akihito avuga ati: "Duciye mu nzira twaciriwe n'umwami w'abami, tuzokora ibishoboka vyose kugira ngo dutegure kazoza keza k'Ubuyapani bwuzuye amahoro n'umunezero".

Akihito w'imyaka 85 y'amavuko yemerewe ko ashobora gutanga imihoho inyuma y'aho amenyeshereje ko yumva adashoboye kurangura amabanga yiwe kubera imyaka n'amagara yari amukitse.

Ni umwami w'abami wa mbere w'Ubuyapani atanze imihoho mu myaka irenga 200 iheze.

Igikomangoma Naruhito azoca yimikwa ejo ku munsi wa gatatu, atangure iyindi ngoma mu kirangamisi c'Ubuyapani.

N'aho ata butegetsi bwa politike afise, ni we cirore c'igihugu.

Ingoma ya Akihito yaranzwe n'ukuganiriza abarwayi n'abahuye n'ibiza - ivyatumye akundwa n'abanyagihugu benshi b'Ubuyapani.

Kubera iki yatanze imihoho?

Akihito w'imyaka 85 y'amavuko yarabazwe kanseri ifatira mu bihimba vy'irondoka ku bagabo (Cancer de la prostate) mu mwaka wa 2003, hamwe n'umutima mu mwaka wa 2012.

Mw'ijambo yashikirije mu mwaka wa 2016, ibitakunda gushika, yari yamenyesheje ko afise ubwoba ko imyaka yiwe ishobora gutuma atarangura amabanga ajejwe, amenyesha ashimitse ko yipfuza gutanga imihoho.

Igikomangoma Naruhito ni we azoca aba umwami w'abami w'ico gihugu agira uwa 126, akazorongora igihugu ku ngoma nshasha yiswe Reiwa, izoba isubiriye ingoma yari ihasanzwe ya Heisei, yatanguye igihe Akihito yimikwa mu mwaka wa 1989.