Germany: Sentare iraburanisha uwuvugwa ko yari umuzamu w'umu Nazi ubu afise imyaka 100

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Joshua Nevett
- Igikorwa, BBC News
Umutama w'imyaka 100 avugwa ko yari umuzamu w'ikambi y'urupfu y'aba Nazi agiye kurenguka imbere y'ubutungane mu Budagi yagirizwa ko yagize uruhara mw'igandagurwa ry'abantu 3.518, nk'uko abashingwamanza babivuga.
Uyu mugabo atavuzwe izina yagirizwa gufasha mw'igandagurwa ry'abari bapfungiwe mw'ikambi ya Sachsenhausen hafi y'umugwa mukuru Berlin hagati y'imyaka ya 1942 na 1945.
Mu vyaha yagirizwa harimwo kugira uruhara mu bwicanyi bwakozwe n'umurwi w'abarashi (peloton d'exécution/firing squad), hakoreshejwe kandi n'imyuka (gaz) y'ubumara.
Ejo ku wa mbere, abashikirizamanza baremeje ko uyu mugabo azoshobora kurenguka imbere ya sentare mu kw'icumi.
Abashikirizamanza bavuga ko uyu mugabo yakorewe ibipimo vyo kwa muganga vyerekanye ko ashobora kurenguka mu butungane mu kiringo c'amasaha abiri n'igice buri musi, n'aho imyaka imurenga.
Ku wa Mungu, niho ikinyamakuru co mu Budagi, Welt am Sonntag, catangaza ubwa mbere ko uyu mugabo ashobora kurenguka imbere ya sentare.
Iki kinyamakuru casubiyemwo amajambo yavuzwe n'umushingwamanza, Thomas Walther, avuga ko abenshi mu bamwitwariye "bashaje nk'uwagirizwa, bakaba bizeye ko sentare izobatunganiriza".
Ibinyamakuru vyo mu Budagi bivuga ko uru rubanza rwitezwe kuba rumwe mu manza za nyuma zikomeye ku vyaha vyakozwe ku butegetsi bw'aba Nazi. Abacitse kw'icumu n'ababikoze ubu barashaje cane.
Abantu bababa 200.000 nibo bari bapfungiwe mw'ikambi ya Sachsenhausen hagati y'imyaka ya 1936 na 1945.
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bw'aba Nazi, impfungwa z'intambara hamwe n'imirwi y'abantu bahohoterwa bari mu bari bapfunzwe n'aba SS (mu majambo yose ni Schutzstaffel), umuhari wegukira aba Nazi bo mu Budagi wari ujejwe gucungera umutekano.
Inzu ndangamurage ya Sachsenhausen ivuga ko ibihumbi mirongo vy'abapfungwa bapfiriye muri iyo kambi bahitanywe n'inzara, indwara, ibikorwa vy'inguvu, ibikorwa vy'ihonyabantu n'ibindi.
Ubudagi bumaze igihe bukurikirana abahoze bakoza muri ayo makambi y'ubwicanyi inyuma y'urubanza shingiro rwo mu 2011, aho uwari umuzamu, John Demjanjuk, yakubiswe intahe mu gahanga ku ruhara yagize mu kwica abantu benshi ica rimwe.
Uyu yapfuye akirindiriye kwunguruza, ariko urwo rubanza rwabaye umushinge w'izindi manza zakurikiye.
Imbere y'aho, amasentare yahora asaba ivyemezo bitaziguye ko abagirizwa bagize uruhara mu bwicanyi.
N'aho igitigiri c'abagirizwa mu vyaha vyakozwe n'aba Nazi kigenda kigabanuka, abashikirizamanza babandanya bagerageza kurengutsa abantu mu butungane.
Mu kw'indwi 2020, uwahoze ari umuzamu w'imwe muri ayo makambi y'ubwicanyi yari afise imyaka 93 yaragiriwe n'icaha co gufasha mu bwicanyi bw'abapfungwa barenga 5000.
Ariko mu kwa gatatu uno mwaka, abashikirizamanza bavuze ko umutama w'imyaka 96 yavugwa ko yahoze ari umuzamu atari ashoboye kurenguka imbere y'ubutungane.










