Hiroshima na Nagasaki: Abagore barokotse vya bibombe vy'ubumara batuyagira ivyo babonye

Kuri ano magenekerezo ya 6 na 9 ukwezi kw'umunani, imyaka 75 irahaciye Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziteye ibibombe vy'ubumara ku bisagara vy'Ubuyapani Hiroshima na Nagasaki, vyatumye intambara ya kabiri y'isi yose irangira.

Bariko bashira amatara ku ruzi Motoyasu hampande y'icibutso ca bombe y'ubumara i Hiroshima mu 2019 mu kwibuka ico kibombe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bariko bashira amatara ku ruzi Motoyasu hampande y'icibutso ca bombe y'ubumara i Hiroshima mu 2019 mu kwibuka ico kibombe
Transparent line

Ibitigiri ngereranyo bitangwa vy'abahitanywe n'ivyo bibombe, bizwi ko hafi abantu ibihumbi 140 ku bantu ibihumbi 350 baba mu gisagara ca Hiroshima bahasize ubuzima, nayo mu gisagara ca Nagasaki hakaba haguye n'imiburiburi ibihumbi 74.

Ivyo bibombe nivyo vyatumye intambara ku mugabane wa Aziya irangira ubutarariye, aho ku wa 14/08/1845, Ubuyapani bwishikana ku ngabo z'ibihugu vyari vyishize hamwe "Allies" kugira ngo birwanye Abanazi n'abo bari kumwe mu ntambara ya kabiri y'isi yose.

Ariko ababona ibintu n'ibindi bavuga ko Ubuyapani bwari bugeze aho umwansi ashaka, buri hafi yo gushira amaboko hejuru.

Abarokotse ivyo bibombe bazwi kw'izina ry'aba hibakusha.

Abarokotse babonye amahano akomeye inyuma y'ivyo bibombe muri ivyo bisagara, harimwo n'ingaruka z'ubumara (radiation) hamwe n'ihahamuka mu mutwe.

Umuhinga w'ugufata amasanamu w'umwongereza Lee Karen Stow yanonosoye ibijanye n'amakuru ku bagore babonye ibintu bikomeye muri kahise.

Stow yashoboye gufata amasanamu y'abagore batatu bibuka neza ivyabaye inyuma y'imyaka 75.

Iyi nkuru irimwo amajambo ashobora gutuma bamwe bagira ubwoba.

Uwa mbere ni Teruko Ueno

Teruko yari afise imyaka 15 igihe arokoka ikibombe c'ubumara i Hiroshima ku wa 06/08/1945.

Teruko Ueno

Ahavuye isanamu, Lee Karen Stow

Insiguro y'isanamu, Teruko Ueno nk'umuforomakazi i Hiroshima mu bitaro vya Croix Rouge haciye imyaka mike ico kibombe gitewe (i bubamfu) na Teruko mu 2015 (i buryo)

Igihe ivyo bibombe biterwa, Teruko yiga mu mwaka wa kabiri mw'ishure ry'ubuganga ku bitaro vya Croix Rouge i Hiroshima.

Ikibombe kimaze guterwa, inzu y'uburaro bw'abanyeshure muri ivyo bitaro yarafashwe n'umuriro. Teruko yafashije kuwuzimya, ariko benshi mu banyeshure bagenziwe barapfuye.

Ikintu gusa yibuka mu ndwi yakurikiye ico kibombe ni ingene bakora ijoro n'umurango bavura abantu bari bafise ibikomere biteye ubwoba, mu gihe we na bagenziwe ata mfungurwa canke ima ry'amazi bari bafise.

Amaze kuronka urupapuro rw'umutsindo, Teruko yabandanije akora kuri ivyo bitaro, aho yafashije mu bikorwa vyo kuvura harimwo mbere n'ugusubiriza ibihimba vy'uruhu vyari vyapfuye.

Ni ukuvuga uruhu rw'itako rwarashobora gukatwa rugashirwa ku kindi gice c'umubiri cononekaye kubera ubushe.

Mu nyuma yahavuye arongorwa na Tatsuyuki, na we nyene yarokotse ico kibombe c'ubumara.

Teruko amaze gusama imbanyi y'umwana w'imfura, yari afise ubwoba ko umwana wiwe ashobora kuvuka atameze neza kandi ko atashobora kubandanya abaho.

Umukobwa wa Teruko, Tomoko, umwana wa mbere wiwe, ariko arapimwa mu bitaro vya Hiroshima

Ahavuye isanamu, Lee Karen Stow

Insiguro y'isanamu, Umukobwa wa Teruko, Tomoko, umwana wa mbere wiwe, ariko arapimwa mu bitaro vya Hiroshima

Tomoko, umwana wiwe wa mbere yaravutse arashobora kubaho, ivyateye intege Teruko arashobora kurera umuryango wiwe.

Tomoko mu minwe ya nyina wiwe Teruko (i bubamfu) hamwe na se wiwe Tatsuyuki

Ahavuye isanamu, Lee Karen Stow

Insiguro y'isanamu, Tomoko mu minwe ya nyina wiwe Teruko (i bubamfu) hamwe na se wiwe Tatsuyuki (i buryo)

Teruko ati: "Jewe sinigeze mba mu muriro udahera, rero sinokubwira ingene hameze, ariko umuriro udahera ushobora kuba umeze nk'ivyo twaciyemwo. Ntibigasubire".

"Ndazi ko hari abantu bakora ibishoboka vyose kugira ngo batuze ibirwanisho vy'ubumara. Ariko nibaza ko ikintu ca mbere ari ugusaba abategetsi b'uturere gufata ingingo".

"Inyuma y'aho tukegera abakuru b'ibihugu, hamwe rero n'isi yose".

Teruko (ibubamfu) ari kumwe n'umukobwa wiwe Tomoko (imbere) n'umwuzukuru wiwe Kuniko (i buryo) mu 2015

Ahavuye isanamu, Lee Karen Stow

Insiguro y'isanamu, Teruko (ibubamfu) ari kumwe n'umukobwa wiwe Tomoko (imbere) n'umwuzukuru wiwe Kuniko (i buryo) mu 2015
Transparent line

Tomoko, umukobwa wa Teruko, ati: "Nta muntu yashobora kwibaza ko hari ibiti canke ivyatsi vyashobora gusubira kumera hano mu kiringo c'imyaka 75, ariko Hiroshima yarasubiye iratotahara nk'igisagara kirangwamwo ibiti n'inzuzi".

"[Hagati aho] amarushwa ku ba hibakusha yabandanije nk'ingaruka z'ubumara bw'ibibombe.

"Mu gihe ivyabaye muri Hiroshima na Nagasaki bigenda vyibariranwa mu mitwe y'abantu … turi mu mayira abiri".

"Kazoza kari mu maboko yacu. Amahoro ashoboka gusa mu gihe twoba twiyumvira, tukiyumvira abandi bantu, tukagira ico dukoze, tugafata ingingo, ntituruhe mu twigoro twa minsi yose two kurondera amahoro".

Kuniko, umwuzukuru wa Teruko, yongerako ati: "Jewe sinigeze mbona iyo ntambara canke ingene ico kibombe catewe, jewe nzi Hiroshima imaze gusanurwa. Gusa nguma niyumvira ingene vyari bimeze".

"Rero nama numviriza ico umu hibakusha uwo ari we wese avuga. Ndiga ivyabaye bitumwe n'ico kibombe c'ubumara mfatiye ku bimenyetso".

"Uwo munsi, ikintu ico ari co cose cari mu gisagara caratokombeye. Abantu, inyoni, ibinyugunyugu, ivyatsi, ibiti — eka ibintu vyose".

Ingene Hiroshima yari yatokombeye yose imaze guterwa ikibombe c'ubumara

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingene Hiroshima yari yatokombeye yose imaze guterwa ikibombe c'ubumara
Transparent line

"Mu bantu binjiye mu gisagara inyuma y'aho ico kibombe giterewe mu bikorwa vy'ubutabazi canke kurondera ababo, benshi barapfuye. Abarokotse bararwaye indwara bahanduriye".

"Nama ngerageza kwegera aba hibakusha muri Hiroshima na Nagasaki, abacukura ubutare bwa uranium, abanyagihugu baba hafi y'aho ubwo butare bucukurwa, abantu bahingura bakanagerageza ibirwanisho vy'ubumara, hamwe n'abo bantu bandura indwara nk'inkurikizi z'igerageza ry'ibirwanisho vy'ubumara".

line

Uwa kabiri ni Emiko Okada

Emiko Okada, yarokotse ikibombe ca Hiroshima, afise igicapo cerekana igitigiri c'ibirwanisho vy'ubumara kw'isi, hari mu kwa gatandatu 2019.

Ahavuye isanamu, Yuki Tominaga

Insiguro y'isanamu, Emiko Okada, yarokotse ikibombe ca Hiroshima, afise igicapo cerekana igitigiri c'ibirwanisho vy'ubumara kw'isi, hari mu kwa gatandatu 2019.

Emiko yari afise imyaka umunani igihe ico kibombe c'ubumara giterwa kuri Hiroshima.

Mushikiwe w'umukobwa, Mieko, n'abandi bavukana bane barapfuye.

Amafoto menshi ya Emiko n'umuryango wiwe yaratakaye, ariko ayashoboye kubibwa n'abo bavukana yararokotse, harimwo n'aya mushikiwe.

Emiko mu maboko ya nyina wiwe Fuku Nakasako, hamwe na mushikiwe Mieko ahagaze iruhande

Ahavuye isanamu, Amasanamu twahawe na Emiko Okada

Insiguro y'isanamu, Emiko mu maboko ya nyina wiwe Fuku Nakasako, hamwe na mushikiwe Mieko ahagaze iruhande
Transparent line

Emiko ati: "Mushikanje yavuye muhira mu gatondo adusezeye ati, 'Turasubira hanyuma!' Yari akwije imyaka 12, umwana mwiza".

"Ariko ntiyagarutse. Nta n'umwe azi uko vyamugendeye".

"Abavyeyi babandanije bamurondera ariko biba ivy'ubusa. Ntibigeze babona ikiziga, ariko babandanya bavuga ko ivyo ari vyo vyose yategerezwa kuba akiriho".

"Mama yari yibungenze ico gihe ariko inda yahavuye ikoroka".

"Ntaco twari dufise dufungura. Nta kintu na kimwe twari tuzi ku vyerekeye ubumara bwasizwe n'ikibombe (radiation), ari co gituma twaguma dutoragura ico ari co cose tubonye, tutibaza ko cashobora kuba kirimwo isumu".

"Kubera ata kintu na kimwe twari dufise dushira ku munwa, abantu bariba. Ikibazo nyamukuru cari imfungurwa. Amazi yari inzahabu. Uko niko abantu babayeho mu minsi ya mbere, ariko ivyo vyose vyaribagiwe".

Mieko Nakasako

Ahavuye isanamu, Amasanamu twahawe na Emiko Okada

Insiguro y'isanamu, Mieko Nakasako, mushiki wa Emiko, yambaye inyambaro kama ariko aratamba intambo kama y'ubuyapani yitwa 'buyo'.
Transparent line

"Niho rero umushatsi watangura gukoroka, ntangura kuva amaraso mu menyo. Igihe cose nkumva ndarushe, nkipfuza kuguma ndyamye".

"Ico gihe nta n'umwe yari azi ikijanye n'ubumara bwa bombe. Haciye imyaka 12, niho napimwe bagasanga nafashwe n'indwara yo gukama amaraso".

"Buri mwaka hari igihe iyo izuba rirenze ijuru riba umutuku. Riratukura cane ku buryo abantu mu maso bahinduka umutuku".

"Mu gihe nk'iki, ikintu conyene nca nibuka ni ingene izuba ryarenze ku munsi haterwa ikibombe c'ubumara. Iminsi itatu n'amajoro atatu yose igisagara caka umuriro".

"Ndanka izuba rirenze. N'ubu mbonye izuba rirenze rica rinyibuta ingene igisagara cariko kirasha".

Igisagara ca Hiroshima catokombeye mu 1945

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igisagara ca Hiroshima catokombeye mu 1945

"Aba hibakusha bapfuye badashoboye kuvuga ibi bintu, canke amarushwa babonye inyuma y'iki kibombe. Ni ukuvuga, ntivyakunda ko bavuga, rero jewe ndubahutse ndabivuze".

"Abantu benshi bama bavuga ngo amahoro kw'isi, ariko ico nipfuza ni uko abantu bofata ingingo. Nipfuza ko buri muntu yotangura gukora ico afitiye ubushobozi ".

"Jewe ubwanje ndipfuza kugira ico nkoze kugira ngo abana n'abuzukuruza bacu, bo kazoza kacu, bazoshobore kuba muri iyi si bafise umunezero iminsi yose".

line

Uwa gatatu ni Reiko Hada

Reiko Hada yari afise imyaka icenda igihe ikibombe c'ubumara giterwa ku gisagara ciwe ca Nagasaki isaha zitanu n'iminota ibiri ku wa 09/08/ August, 1945.

Reiko afise imyaka itanu (i bubamfu), Reiko afise imyaka 79 mu 2015 (i buryo)

Ahavuye isanamu, Lee Karen Stow

Insiguro y'isanamu, Reiko afise imyaka itanu (i bubamfu), Reiko afise imyaka 79 mu 2015 (i buryo)
Transparent line

Mu gatondo ka kare, abantu bavyutse bagabishwa ko hashobora kuba igitero c'indege, rero Reiko yagumye muhira.

Bamaze guhabwa uruhusha ko bashobora gusohoka, yagiye mu rusengero hafi yo muhira, aho abana bo mu gace yabamwo bigira, aho kuja kw'ishuri, kubera bama bariko bagabishwa ko bashobora guterwa n'indege.

Haciye hafi iminota 40 batanguye kwiga muri urwo rusengero, umwigisha yarahagaritse maze Reiko asubira muhira.

Reiko ati: "Maze gusa gushika mu nzu, kandi nibuka ko umengo nari maze gutera intambwe imwe gusa ninjiye".

"Niho naza mbona ikintu kinshikiye ntazi namba. Mbona mu maso umuco mwinshi cane. Nabona ibintu bisa n'umuhondo, n'ikaki, n'umucungwe, vyose ari uruvangatirane".

"Jewe sinaronse n'umwanya wo kwibaza ivyo ari vyo ...mu kanya ubusa, nca mbona hose harera".

"Wamengo bose bantaye nsigaye ndi umwe. Mu nyuma nza numva uruntu ruturitse. Noneho nagumye mbona ibikeke gusa".

Igisagara ca Nagasaki catokombeye inyuma y'ikibombe c'ubumara

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igisagara ca Nagasaki catokombeye inyuma y'ikibombe c'ubumara

"Haciye akanya gato, narahavuye ndatora akenge. Umwigisha yari yatubwiye kwinyegeza twumvise igitero c'indege, rero naciye nja kuraba aho mama yari ari mu cumba duca tuja kwinyegeza ku babanyi.

"Nta na hamwe nari nakomeretse. Nakingiwe n'umusozi Konpira. Ariko abo ku rundi ruhande rw'uyu musozi barabonye amahano atagira izina".

"Benshi bahungiye ku musozi wa Konpira batera baza iwacu. Abantu amaso yari yasokotse, imishatsi ari urushwigiri, hafi nka bose bambaye ubusa, bahiye umubiri wose uruhu ruhakwa gukoroka".

"Mama yagiye muhira afata ibitambara n'amashuka, ari kumwe n'abandi bagore b'ababanyi, baherekeza abariko bahunga babajana kw'ishure ryari hafi aho bashobora kuryama".

"Basaba amazi. Nasabwe kubaha amazi, n'uko rero mbona icombo ariko cari camenaguritse, nca niruka ku mwonga wari hafi, ndadaha amazi ndabazanira kugira banywe".

"Bamaze kunywa itama rimwe gusa, baciye bapfa. Abantu bagiye bapfa umwe umwe".

"Hari mu ci. Kubera inyo n'umunuko, ibiziga vyategerezwa guturirwa ubwo nyene. Vyegeranirijwe hamwe mu kinogo c'ubwogero (piscine) mw'iryo shure, barenzako inkwi baca baraturira".

"Vyari bigoye kumenya abo bantu. Ntibapfuye urupfu rusanzwe kuri kiremwamuntu".

Reiko ari kumwe na se wiwe Keizo Ura (i bubamfu), ari kumwe kandi na mushikiwe mukuru, Shizue Ura

Ahavuye isanamu, Courtesy of Reiko Hada

Insiguro y'isanamu, Reiko ari kumwe na se wiwe Keizo Ura (i bubamfu), ari kumwe kandi na mushikiwe mukuru, Shizue Ura

"Ndizeye ko abazovuka muri kazoza batazigera bahura n'ayo mahano twabonye. Ibi birwanisho vy'ubumara ntibigasubire gukoreshwa na rimwe".

"Abantu nibo bashobora kwubaka amahoro. N'aho tuba mu bihugu bitandukanye tukavuga indimi zitandukanye, twese twipfuza amahoro".

Reiko Hada

Ahavuye isanamu, Lee Karen Stow

Insiguro y'isanamu, Reiko Hada
Transparent line

Amafoto yose akoreshejwe bitangiwe uburenganzira