Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Akaranda k'imbeba muri Australia: Abafungwa ibihumbi bagiye kwimurwa kubera ibohero ryatewe n'imbeba
Akaranda c'imbeba muri New South Wales muri Australia , katumye ibohero ryimura abanyororo ibihumbi n'ibihumbi mu kurindira ko rikuburwa rikongera rigasanurwa.
Abanyororo 400 n'abakozi 200 mw'ibohero rya Wellington bazokwimurirwa mu bindi bigo mu minsi iri imbere.
Izo mbeba zarononye vyinshi cane ku nyubakwa z'iryo bohero harimwo guca intsinga n'ukurya igisenge imbere mw'ibohero.
Intara ya New South Wales yugarijwe n'ubwinshi bw'imbeba butari bwigere buboneka mu myaka mirongo.
Ukwiyongera kw'umwimbu w'intete kwatumye izo mbeba zigwirirana muri iyo ntara yo mu bumanuko bushira ubuseruko aho haheze amezi ziteye uruhagarara na cane cane mu barimyi n'aborozi..
Abajejwe amabohero muri iyo ntara bavuze ko ibikorwa muri iryo bohero bizogabanurwa ku kiringo c'amezi hafi ane mu kurindira ko rikuburwa, rigasanurwa hanyuma rigakingirwa gusubira guterwa n'imbeba muri kazoza.
Peter Severin , umukuru ajejwe amabohero yagize ati: "Imbeba zarateye ikigo kandi ivyononekaye ni vyinshi ku buryo dutegerezwa kubanza kukivamwo".
Benshi mu bakozi bazokwimurirwa mu bigo vy'amabohero vyo mu burengero bw'iyo ntara, mu gihe abafungwa bo bazokwimurira mu bigo bitandukanye harimwo ica Macquarie.
Kuki habaye akaranda k'imbeba?
Ibinyamakuru vyaho bivuga ko katanguye ku mpeshi ya 2020 mu gihe c'iyimbura/isarura.
Vyatewe n'ikirere cagenze neza catumye imbeba zivyara bihurirana n'umbwimbu mwinshi waje hari haheze igihe habaye imiriro yasasitse amashamba n'imyaka myinshi y'uruzuba.
Mu gihe hari intete nyinshi zo kurya, ibindi bikoko navyo vyahora birya imbeba bikaba vyaragabanutse kuko vyatwawe n'iyo miriro, imbeba zaciye zigwira.
Mu gihe iyo ntara ya South Wales ariyo imbeba ziyongeyemwo cane gusumba ahandi, n'intara za Queensland , Victoria na South Australia nazo zarakozweko n'ubwinshi bw'imbeba.
Iboneshakure ya Australia ABC ivuga ko abahinga bemeza ko hashobora kuba hari za miriyoni z'imbeba zinyuragiranwa muri izo ntara.
Ibintu vyifashe nabi cane muri South Wales, ku buryo bivugwa ko zashwaye amashure, ibitaro, amasoko ya kijambere(supermarches) n'pingo.
Ako karanda karakoze na cane cane ku barimyi n'abarozi kuko basohora uburyo bwinshi bwo kwirinda ibikoko hamwe n'umwimbu wabo wononwa.