Thérèse Miburo, umwe mu Barundikazi bake bakora ivyo gutwenza aba muri Australia

Aho igiteramo co gutwenza yariko araremesha muri Australia caboneka ku rubuga rwa Youtube, benshi ntibashobora kwemera ko ari umurundikazi ariko arakora ivyo bariko bararaba.

Muri ico giteramo Thérèse Miburo agaragara ariko aratwenza abantu benshi bagizwe ahanini n'abazungu, abatera inkuru zimwerekeye we nyene canke zo mu buzima busanzwe.

Avuga mu congereza cumvikana ko atari ic'uwavukiye muri Australia, ariko biboneka ko abo abwira ataco bibabwiye ahubwo bahimbawe.

Mu nkuru ababwira zitwenza hari nk'aho agira ati: "... ndi uwo mu Burundi mu buseruko bwa Afrika. Mu Burundi usanga kenshi twishura ikibaza n'ikindi kibazo. Nk'akarorero ushobora kumbaza uti 'urashonje?' Nanje ngaca ngusubiza nti 'ushaka kumpa ivyo kurya?'..." Abantu bagaca batwenga cane!

Mu karere haba mu Rwanda canke mu Burundi, abakora umwuga wo gutwenza, bita stand up comedy mu congereza, baramaze kuba benshi.

Nta nkeka ko no mu yandi makungu Abarundi n'Abanyarwanda bakora ivyo gutwenza bariyo, ariko ata gukekeranya abagore muri bo ni bake cane.

Nico gituma BBC yashatse kumenya neza Therese Miburo uwo ariwe n'icatumye akunda ivyo gutwenza, tuvugana nawe tugirana ikiganiro gikurikira mu nyandiko:

BBC Gahuza: Twibwire uwo uri we?

Therese Miburo: NitwaThérèse Miburo, mfise imyaka 33, ndi Umurundikazi nkaba mba muri Australia. Amazina y'ubuhizi na yo ni Mukundabantu na Mutimukeye. Ndi umumararungu n'umuremesha kiyago. Nkunda abantu n'ubuntu mu bantu.

BG: Washitse muri Australia ryari/gute?

TM: Nashitse muri Australia muri 2007. Naje nk'impuzi mvuye mw'ikambi y'impunzi muri Tanzania.

BG: Ufise umuryango?

TM: Egome. Ndubatse mfise n'abana bane bakiri bato.

BG: Ukora iki?

TM: Mu buzima busanzwe ndi umwigisha w'ubuhinga bwa none (Information Technology) mu mashule yisumbuye ya hano muri Queensland, Australia aho nsanzwe mba. Ndi kandi umusiguzi w'indimi (Ikirundi, Igiswahili n'Icongereza).

BG: Gutwenza abantu wabitanguye ryari?

TM: Namye ntwenza ariko nkabikora mu muryango, sinari bwabishire ahabona. Mu 2019 ni ho natanguye kubishira ahabona; ntangura gusetsa abantu benshi no kubishira kuri Youtube na Facebook.

BG: Ni iki catumye utangura kugira ivyo gutwenza ?

TM: Ndakunda iyo mbona abantu banezerewe. Ndabikora kubera binezereza kubona nokora ibintu bigatuma abandi banezerwa.

BG: Ubifata nk'umwuga canke ni uburyo bwo kwinezereza?

TM: Muri uyu mwanya biracari ivyo kwinezereza ariko bishobora kuzoba n'umwuga muri kazoza ka hafi.

BG: Ni abahe bakora umwuga wo gutwenza ufatariko urugero, yaba abo mu Burundi canke ayandi mahanga?

TM: Buri muntu wese ndafise ico ndamwigirako ariko novuga nka Kigingi mu Burundi na Trevor Noah muri Afrika y'Epfo hari vyinshi ndabafatirako urugero, kimwe muri vyo ni uko atakidashoboka mu gihe ukora ivyo ukunda.

BG: Muri iki gihe ca Covid-19 birakworohera kugira ivyo gutwenza?

TM: Oya ntivyoroshe kuko abantu ntibemerewe gukoranira hamwe ari benshi. Ariko umwanya nokoresheje mu gutwenza abantu ndawukoresha mu kwandika ivyese nkabisangiza abandi kuri Youtube (Tereza Mukundabantu).

BG: Ni iki wipfuza muri kazoza?

TM: Muri kazoza ndipfuza kubandanya ibi vyo gutwenza abantu nshimikira cane cane mu ntumbero yo gukeburana. Ndipfuza kuzokoresha ibiteramo abantu bakaza bakanezerwa. Ndipfuza kandi no kuzofasha abakenyezi haba mu buryo no mu kubahimiriza gukoresha ingabirano zabo izo ari zo zose.