Tanzania: Basaba ko Diamond Platnumz akurwa mw'ihiganwa rya BET kubera avugira Magufuli

Ahavuye isanamu, BET/Getty Images
Abantu barenga 18.000 muri Tanzania bateye igikumu ku rwandiko (petition) rusaba ko wa muririmvyi rurangiranwa Diamond Platnumz akurwa ku rutonde rw'ihiganwa rya Amerika, bamwagiriza ko "yakingira ikibaba" uwahoze ari umukuru w'igihugu.
Diamond, umwe mu baririmvyi rurangiranwa muri Afrika, ari ku rutonde rw'abahiganirwa agashimwe gahabwa abanyatugenegene bakomeye kw'isi kiswe Best International Act, gatangwa n'imboneshakure BET (Black Entertainment Television).
Ariko abateguye uru rwandiko bagereranya uyu muririmvyi mu buryo butabereye n'abaherutse gutahukana ihiganwa rya BET bo muri Nigeria Davido na Burna Boy, abaririmvyi bazwi cane muri ico gihugu.
Ku bw'aba bateguye uru rwandiko, aba baririmvyi babiri "bakoresha inguvu zabo bafise n'ubuhangange bwabo mu gutera amashurwe akarenganyo" muri ca gihe c'imyiyerekano yitiriwe #EndSARS mu mwaka uheze yari ifise intumbero yo gusaba ko reta ifuta ca gipolisi citswe SARS.
Ikinyamakuru NairobiNews co muri Kenya, candika ko Diamond Platnumz yari ashigikiye cane uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Tanzania, John Pombe Magufuli, kandi ko umwe mu miziki yiwe wakoreshejwe n'umugambwe CCM uri ku butegetsi mu gihe c'imyiyamamazo y'umwaka uheze.
Gisubiramwo ivyanditse muri uru rwandiko, iki kinyamakuru candika kiti: "Diamond Platnumz ni umuririmvyi rurangiranwa wa Tanzania azwi cane kw'isi yakoresheje ukumenyekana kwiwe n'ubuhinga bwiwe mu kuvugira no gukingira ikibaba itoteza ribi cane ry'uwahoze ari umukuru w'igihugu yatwaza umukazo John Magufuli n'ubutegetsi bwiwe".
"Diamond kandi ni incuti pfa mpfe kandi akorana urudandaza na Paul Makonda yahoze ari umukuru w'igisagara ca Dar-es-Salaam yatoteje ku mugaragaro kandi akanahiga buhongo abahuza ibitsina babisangiye (LGBTI)".
Magufuli, yasandavye mu kwa gatatu haciye imisi mike ashikirijwe amabanga yo kurongora Tanzania mu kiringo kigira kabiri, yaragirijwe ko yahonyanga uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro no gutoteza abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe.
Iki kinyamakuru gikorera ku mbuga ngurukanabumenyi candika ko n'abo bimeze uko, hari n'imiburiburi umushingamateka umwe - Nusrat Hanje - yamuguye inyuma aramuvugira, ati "turamusengera kugira ngo atahukane aka gashimwe".










