Big Fizzo yoba yariganye indirimbo ya Diamond Platnumz?

Desire Mugani azwi nka Big Fizzo

Ahavuye isanamu, Fariouz Mugani Faceebook

Insiguro y'isanamu, Big Fizzo avuga ko atigeze ashaka kwigana Tetema ya Diamond

Umuririmvyi rurangiranwa mu Burundi, Desire Mugani, azwi cane kw'izina rya Big Fizzo, avuga ko atiganye indirimbo ikunzwe cane ya Diamond Platnumz wo muri Tanzania.

Big Fizzo yatanguye kumenyekana mu Burundi mu myaka 1996 aho yaririmba mu mugwi wavuza injana ya rap witwa N***a Soul.

Ico gihe, naho igihugu cari mu bibazo bitoroshe vy'intambara, ari mu baririmvyi bake baremesha ibiteramo bihimbaye mu Burundi.

Nyuma y'imyaka irenga mirongo ibiri ari muri uyu mwuga, Fizzo aracari ku rwego rwo hejuru mu muziki ndundi uvuzwa henshi wokwita pop music mu Congereza.

Indirimbo ziwe zigezweho ubu nka Konzi, You na Sugua, zirirwa zisamirana ku maradiyo mu Burundi n'ahandi, mu butambiro eka mbere no ku mbuga nka Youtube, aho usanga zinaherekejwe n'amasanamu ahinguye bigezweho.

Ariko bamwe mu bakunzi b'umuziki hamwe n'ababikurikiranira hafi, batanguye kwibaza niba Big Fizzo atoba ariko arafata inzira ya hafi mu kwandika indirimbo ziwe.

Sugua yoba ari ishusho ya Tetema ya Diamond?

Indirimbo Tetema y'umuririmvyi Diamond Platnumz yaririmbanye na Rayvanny imaze kurabwa kuri Youtube inshuro zirenga imiriyoni 27, kuri ubu ikaba iri mu zirabwa cane z'uwo munyamuzika.

Isanamu yo mu ndirimbo Sugua

Ahavuye isanamu, Sugua Youtube

Insiguro y'isanamu, Isanamu yo mu ndirimbo Sugua

Uyumvirije ugaca unumviriza Sugua ya Big Fizzo yaririmbanye na Elly's Boy, Double Jay na Kirikou A-Kili bo mu kigo c'umukizi Bantubwoy, ntiwogenda udakozweko n'ugusa kwazo.

Uhereye ku mudiho, ku ntambo co kimwe na hamwe hamwe mu majambo, ufise ugutwi kw'umuziki urashobora kwumva ko harimwo ibija gusa.

Big Fizzo abisigura gute?

BBC Gahuza yashatse kumenya ico uwo muririmvyi avuga kuri ukwo gusa kw'izo ndirimbo, ica ivugana nawe aho asanzwe ari mu gihugu c'Ubutariyano.

Big Fizzo yatanguye ahakana ko ata ntumbero n'imwe yigeze agira yo kwigana iyo ndirimbo Tetema ya Diamond Platnumz.

Yagize ati: "Abantu bavuga ivyo amatwi yabo agomba kuba atumva neza. Ntushobora kuvuga ko indirimbo zisa kubera ko gusa zifise umudiho umwe.

"None duce tuvuga ko zouk zose zisa? Canke ko reggae zose zisa? Ku ntambo naho, imiziki myinshi abantu batamba bimwe, none ni kangahe batamba ndombolo mu miziki yo muri Kongo?"

Diamond Planumz (i buryo) na Rayvanny (i bubamfu) mu ndirimbo Tetema

Ahavuye isanamu, Tetema Youtube

Insiguro y'isanamu, Diamond Planumz (i buryo) na Rayvanny (i bubamfu) mu ndirimbo Tetema

Fizzo kandi abandanya avuga ko mu ndirimbo nyinshi abantu bandika bimwe, gusa bigatandukanywa n'umudiho w'indirimbo canke injana.

Ati: "None nk'ubu noreka kuririmba ngira nti 'ndagukunda' kuko hari uwundi yabivuze? Ivyo ntibishoboka. Amajambo ategerezwa gusa, ariko uburyo tubiririmba nibwo buzana ubudasa".

Ku ndirimbo "You" aremera ko Kizz Daniel yamubereye icitegerezo

Iyindi ndirimbo bivugwa ko Big Fizzo yiganye ni indirimo You, aririmba asa n'uwiyama abamuzanako ingorane mu buryo butandukanye.

Iyi ndirimbo nayo uyumvirije, hanyuma ugaca wumviriza indirimbo yitwa F*** You y'umuririmvyi Kizz Daniel wo muri Nigeria, uca umengo hahindutse ururimi n'umurindi gusa.

Fizzo yagize ati: "Kuri iyi ndirimbo yoyo sinobesha, kuko Kizz Daniel yampaye 'inspiration'. Harimwo vyinshi bisa muri izo ndirimbo zibiri. Wumvirije nko ku gitari hoho uravyumva."

Big Fizzo yabandanije avuga ko ari ibintu bisanzwe kwisunga abandi baririmvyi, mu gihe ugerageje ukazanamwo umwihariko wawe.

Si ubwa mbere kandi si mu Burundi gusa

Michael Jackson

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuhisi Michael Jackson yarezwe kwigana indirimbo ya Manu Dibambo aravyemera, anatanga amahera

Abaririmvyi basubiramwo indirimbo z'abandi canke bifashisha bimwe mu biri mu ndirimbo z'abandi bariho, kandi si ibintu vya vuba eka mbere na barurangiranwa mu muzi barabikoze.

Aha twotanga nk'akarorero ka Michael Jackson ku ndirimbo ya Manu Dibango yitwa Soul Makossa.

Umuhisi Michael Jackson yafashe amajambo "ma-mako, ma-ma-sa, mako-mako ssa", ari mu iyo ndirimbo, ayakoresha mu ndirimbo yiwe "Wanna be starting something".

Michael Jackson yaremeye ko yitije ayo majambo ayashira mu ndirimbo yiwe, aca yemera kuriha amahera Dibambo bitarinze guca muri sentare.

Mu mwaka uheze, vyaramenyekanye ko hatanguye urubanza rwarezwemwo Ed Sheeran ku ndirimbo yiwe "Thinking Out Loud", urubanza rukibandanya.

Ed Sheeran

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ed Sheeran yararezwe muri sentare ku ndirimbo yiwe "Thinking Out Loud" yagirizwa kwigana indirimbo ya Marvin Gaye, "Let's Get it On

Umuryango wa Ed Townsend, yandikiye hamwe na Marvin Gay indirimbo rurangiranwa "Let's Get it On", wareze Ed Sheeran kwigana iyo ndirimbo ntegerwa yo mu 1973.

Icigwa ku muziki wo mu Burundi

Gutera imbere kw'ikintu ico ari co cose kuvana n'ubwira abagikora bagishiramwo hamwe n'umwihariko gifise mu kwitandukanya n'ibindi bikorerwa ahandi.

Mu gihe vyotangura kwibazwa ko abaririmvyi mu Burundi atakindi bakora atari gukoporora indirimbo z'abandi, kazoza k'umuziki wo mu Burundi koba kageramiwe.

Vyoba ari ibintu bitangaje kuko u Burundi bwamye bufise abaririmvyi bandika indirimbo nziza zibereye ugutwi nka ba Canco Amisi, Christophe Matata, Africa Nova, Kidumu eka mbere na Big Fizzo.

Mu gutera imbere kw'umuziki ni ngombwa ko urwaruka rugitangura kwumva imuziki mu gihugu kinaka, rwumvishwa umuziki wihariye wo muri ico gihugu.

Iki ni igikorwa cega abanyamuziki bo nyene, ariko cane cane amaradiyo ategura ibiganiro vy'urwaruka harimwo umuziki.