Umunyamuziki yari akomeye mu Burundi, Bruno Simbavimbere, Memba, yaryamiye ukuboko kw'abagabo

Ahavuye isanamu, Bruno Simbavimbere, Music in Africa
Bruno Simbavimbere batazira Memba, umucuraranzi w'Umurundi wa kera yari mu bakomeye, yashengeye kuri uwu wa gatanu.
Uwo muhinga mu vyo kuvuza ubwoko bw'ingoma bita "batteries" akaba yaranavugiriza umugwi w'igihugu Amabano, yari amaze ikiringo c'indwi mu bitaro.
Ni inyuma yaho aguye mu mutego w'abagizi ba nabi bitwaje imipanga n'ibihiri, muri quartier ya Kibenga zone ya Kinindo mu gisagara ca Bujumbura, baramukomeretsa ku mutwe.

Ahavuye isanamu, Agahengwe video, Mudibu
Amakuru BBC yashoboye kuronka avuga ko uwo yari arongoye ishirahamwe ry'abaririmvyi bo mu Burundi, Amicale des Muciciens du Burundi, yari avuye gusangira agacupa n'abagenzi.
Bruno Simbavimbere yatanguye kuvuza umuziki mu mwaka y'1986, akaba yaravugije batterie mu ndirimbo nyinshi z'umugwi Amabano, aho yavuza hamwe n'abandi baririmvyi b'Abarundi nka Afrika Nova, Canco Amisi n'abandi.






