Kenya: Evariste Ndayishimiye asaba abagwizatunga ba Kenya kujana imitahe mu Burundi

Ahavuye isanamu, AFP
Prezida Evariste Ndayishimiye atera akamo abagwizatunga ba Kenya kujana imitahe yabo mu Burundi kuko ngo mu myaka ibiri canke itatu iri imbere bashobora kuzoba bacerewe.
Agishika muri Kenya, yaciye aca mu burengero bw'ico gihugu mu gisagara ca Kisumu, aho prezida n'abagize reta ya Kenya bari, bitegurira guhimbaza umusi mukuru wa Madaraka Day kuri uyu wa kabiri.
Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru, abakuru b'ibihugu Uhuru Kenyatta na Evariste Ndayishimiye bashimagije umubano mwiza, gufashanya muri politike, ubutunzi, gutsimbataza amahoro n'ishaka bafise ryo kubitsimbataza.
Prezida Ndayishimiye yavuze ko amaze kuza muri Kenya kenshi, ariko ko ari ubwa mbere ashitse mu gisagara ca Kisumu.
Yagize ati:"...Ntangajwe n'ubwiza hamwe n'iterambere nsanze muri kino gisagara."
Yavuze ko Uburundi bumaze gutera intambwe mu mahoro n'umutekano, ko butakiri ku rutonde rw'ibihugu bitarangwamwo amahoro muri Onu, ashimira prezida Kenyatta ko "we ubwiwe yabigizemwo uruhara."
Prezida Ndayishimiye yavuze ko ubu, Uburundi buriko burashira inguvu cane mu guteza imbere ubutunzi, aranashima ko uguhanahana ibidandazwa hagati ya Kenya n'Uburundi bigenda vyiyongera.
Yvuze ati:"Ndateye akamo abagwizatunga bo muri Kenya kuza mu Burundi kukoni co gihe ciza, kurindira imyaka ibiri canke itatu, mushobora gusanga mwacerewe."
Umukuru w'igihugu c'Uburundi kandi yatumiye mugenzi we wa Kneya Uhuru Kenyatta kugendera Uburundi.










