Burundi: Prezida Ndayishimiye yiyemeje kurangiza amatati ari hagati ya reta n'ibimenyeshamakuru

Ahavuye isanamu, PRESIDENCE BURUNDI
Mu mubonano yagiranye n'abarongoye ibimenyeshamakuru bikorera mu Burundi, prezida Evariste Ndayishimiye yateye akamo akanama kajejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora mu Burundi, CNC, kugiriranira ibiganro n'ibinyamakuru biri mu bihano kugira batore inyishu irama ku neza y'Uburundi.
Prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko yiyemeje kurangiza amatati yabaye hagati ya reta n'ibimenyeshamakuru muri kahise.
Yagize ati: "Ico ndabemereye n'uko n'amatati twagize muri kahise dutegerezwa kuraba uko tuyatorera inyishu.
"Hariho ibimenyeshamakuru vyafatiwe ingingo, nsavye CNC kuja hamwe mwicare mubitorere umuti, twese tuje ku kivi."
Prezida Ndayishimiye yavuze kandi ko ibimenyeshamakuru ari ikiraro kiri hagati y'abenegihugu n'ubutegetsi kuko ari bo berekana aho ibintu bitariko biragenda neza kugira abategetsi bikubite agashi.
Ibinyamakuru mpuzamakungu BBC na VOA bimaze imyaka irenga ibiri vyarabujijwe gukorera ku butaka bw'Uburundi vyagirizwa gutanga inkuru z'ibinyoma.
Urwego rujejwe itangazamakuru mu Burundi, Conseil National de la Communication (CNC), ni rwo rwatangaje iyo ngingo.
CNC yavuze ko kizira ko hagira umunyamakuru n'umwe ari ku butaka bw'u Burundi, yaba Umurundi canke umunyamahanga, atanga amakuru wenyene canke biciye ahandi, yotangazwa n'ivyo bitangazamakuru.
Mu mpera z'ukwezi kwa cumi na kabiri mu 2020, umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yarashize umukono kw'itegeko rigirira ikigongwe abamenyeshamakuru bane b'ikinyamakuru Iwacu bari bamaze iminsi 430 bari mw'ibohero.
Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana na Terence Mpozenzi bari bafatiwe muri komine Musigati mu buraruko, ahariko harabera intambara hagati y'abantu bitwaje ibigwanisho n'igisirikare c'Uburundi.
Ikinyamakuru Iwacu bakorera kiri mu bihano bituma abasoma inkuru badashobora kugira ico babivuzeko.
Kuva hadutse imidurumbanyo yavuye ku kutumvikana ku biringo vy'umukuru w'igihugu umuhisi Petero Nkurunziza mu 2015, ibinyamakuru bitari bike vyarahagaritswe ibindi bikaba bikorera mu buhungiro.










