BBC na VoA vyahagaritswe mu Burundi amezi atandatu

BBC yahagaritswe mu Burundi amezi atandatu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, BBC yahagaritswe mu Burundi amezi atandatu

Urwego rujejwe kugenzura ibikorwa vy'ibitangazamakuru mu Burundi rwahagaritse ibitangazamakuru vya BBC na Voice of America, ikiringo c'amezi atandatu.

Urwego CNC ruvuga ko BBC yarenze ku mategeko agenga inyifato mw'itangazamakuru ry'umwuga.

Urwo rwego rwagiriza BBC kuba itarahase ibibazo nk'uko bikwiye, uwuharanira agateka ka muntu yahawe ikiganiro n'igisata ca BBC c'ururimi rw'igifaransa.

Amwe mu maradiyo yigenga yarasambuwe aranugarwa mu rwimo rwa politike rwo mu 2015.

Hitezwe amatora ya kamarampaka muri kuno kwezi ku kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha.

Iryo bwirizwa ritowe uko riri, birashoboka ko Prezida Nkurunza yoguma ku butegetsi iyindi myaka cumi n'ine, mu gihe ubu ari mu kiringo ciwe ca gatatu, leta ivuga ko ari ica kabiri ifatiye k'uko ica mbere atatowe n'abanyagihugu ubwabo.