Xueli Abbing: Umwana w'umwema yatawe n'abavyeyi ubu yabaye umunyamideli wa Vogue

Ahavuye isanamu, @Luxvisualstorytellers
Xueli akiri uruyoya, abavyeyi biwe bamutaye mu rugo rw'irerero ry'impfuvyi. Mu Bushinwa, kuvyara umwema bifatwa nko guhumana.
Iyo ngorane mvukanwa idakunze kuboneka ituma umuntu atagira irangi nk'iryo abandi, yatumye urukoba n'imishatsi vya Xueli vyera cane. Ubwo bumuga kandi bwatumye uwo mwigeme abangamirwa n'umuco w'izuba.
Ariko uko kudasa n'abandi vyatumye Xueli bimwugururira imiryango muvyo umudeli. Ubu ku myaka 16, aragaragara mu kinyamakuru Vogue no mw'imenyekanisha ry'abashonyi b'impuzu rurangiranwa.
Xueli yaraganiriye n'umumenyeshamakuru wa BBC Jennifer Meierhans.

Ahavuye isanamu, Biel Capllonch
Abakozi bo mw'irerero ry'impfuvyi banyise Xue Li. Xue bisigura urubura (Neige) hanyuma Li bigasigura mwiza. Nagiye kurererwa mu wundi muryango mfise imyaka itatu, nca nja kubana na mawe na benewacu muri Hollande. Mawe yavuze ko ata rindi zina yiyumvira ryoba ryiza nk'iryo aca yiyumvira ko vyoba vyize ngumanye ikintu cerekana amamuko yanje yo mu Bushinwa.
Igihe navuka mu Bushinwa, reta yarakajije itegeko ry'uko imiryango ivyara umwana umwe umwe. Nta mahirwe umuntu yaba afise mu gihe avyaye umwana w'umwema. Abana bamwe bamwe nka nje, baratawe, abandi bakugaranwa canke na ho bagiye kw'ishure imishatsi yabo bakayisiga irangi ryirabura.
Ariko mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika, barahigwa buhongo, ibihimba vyabo bigahimburwa bakanicwa. Abapfumu bakoresha amagufa yabo mu gukora imiti, abantu bakaba bemera ko ishobora kuvura ingwara, ariko muvyo ukuri, si vyo. Bijanye no kwemera kwa kera. Naragize Imana baranta gusa.
Abavyeyi bamvyaye ntibasize ikintu na kimwe kindanga ari na co gituma ntazi igihe navukiye. Ariko nko mu mwaka umwe uheze, naragirishije ibipimo vya X-ray vy'ikiganza canje kugira ngerageze kumenya imyaka noba mfise hanyuma abaganga bakaba bibajije ko noba mfise imyaka 15.

Ahavuye isanamu, jetvangaal.com
Nagiye muvyo umudeli nk'igihamana mfise imyaka 11. Mawe yari azinanye n'umuntu akora imideli aturuka muri Hong Kong. Yari afise umuhungu afise ubujana (umunwa usatuye), aca afata ingingo yo kumukorera impuzu nziza cane zizotuma abantu batitaho kuraba gusa umunwa wiwe. Iryo sekeza yarise "kugorora ibitameze neza" aca ambaza ko nshaka kuja kwerekana imideli yiwe muri Hong Kong. Vyambereye ibintu vyiza cane.
Inyuma y'aho, naratumiwe kwifotoza nk'incuro zibiri, rimwe akaba yari Brock Elbank muri studio yiwe i Londres. Yashize amafoto yanje kuri Instagram. Ikigo c'imideli ca Zebedee Talent carampamagaye kimbaza nimba nshaka kwifatanya na bo mu kurondera abantu bagendana ubumuga bokwerekana imideri yabo.
Imwe mu mafoto Brock yamfotoye yashizwe hejuru ku kinyamakuru ca Vogue Italia mu kwezi kwa gatandatu mu 2019 turi kumwe na Lana del Rey. Ico gihe, sinari nzi ko ico kinamyakuru cemewe cane, bikaba vyantwaye akanya kubona ingene abantu vyabanezereje cane.

Ahavuye isanamu, Reiny Bourgonje
Mu mideli, ukudasa n'abandi n'umuhezagiro s'umuvumo, vyampaye ikibanza co kumenyekanisha ukuba umwema.
Isekeza rya Kurt Geiger n'akarorero keza cane k'ingene bandetse nkerekana ubudasa bwanje. Barandetse ndambara uko nshatse hanyuma nereka mwenewacu uko amfotora kubera bivuye ku mategeko yo kwirinda coronavirus, abafata amafoto ntibarekuriwe kuja muri studio. Bisigura ko nifata uko nshatse mu buryo ubwo ari bwo bwose nashaka kandi vy'ukuri naranezerejwe n'ivyavuyemwo.
Mu mafoto, abanyamudeli b'abanyamwema bakunze kugereranywa n'abamarayika canke ibisigo, kandi ivyo birambabaza. Na cane cane kubera bibandanya gushigikira imyemerere ituma ubuzima bw'abana b'abanyamwema bugeramirwa mu bihugu nka Tanzania na Malawi.

Ahavuye isanamu, Kurt Geiger


Ahavuye isanamu, Marcel Schwab
Ukuba umunyamwema kwanje gusigura ko mbona ku bice 8 gushika 10 kw'ijana kand nsinshobora guhangara umuco kuko urababaza amaso yanje. Rimwe na rimwe iyo hari umuco mwinshi ndiko ndifotoza ndasaba nti "Ndashobora gupfunga amaso canke urashobora kugabanya umuco?" Canke nkagira nti "Ok, ushobora gufotora amafoto atatu nuguruye amaso ukoresheje n'umuco ariko nta zindi zirenze izo."
Mu ntango bibaza ko bigoye ariko bafashe ifoto ya mbere baratangaye, baranashima cane uko vyagenze. Abankurikirana babwiye abankeneye bati "Nimwaba mudashobora kubitorera inyishu [umuco], ntimushobora kuronka Xueli." Ni ngombwa ko bakora ku buryo niyumva neza.

Ahavuye isanamu, Rob Jansen
Abantu bambwira ko uko kutabona neza gutuma mbona ukuntu gutandukanye kandi ko mbona ibindi bintu abandi badashobora kubona. Bituma kandi nitaho gake uko ubwiza bubonwa mu mico n'imigenzo. Nkeka kubera ntashobora kubona ibintu vyose neza, nshira inguvu mu kwumviriza amajwi y'abantu n'ivyo bashaka kuvuga. Kubera ivyo, ubwiza bwabo bw'imbere bumfitiye agaciro nta ngere.
Ndakunda ivyo umudeli kubera nkunda guhura n'abantu bashasha, kwimenyereza kuvuga icongereza no kubona ingene abantu banezerejwe n'amafoto yanje. Nshaka gukoresha umudeli mu kuvuga ivyerekeye abema, ko ari ingorane ndemanwa atari uguhumana. Uburyo ivugwako n'ukuvuga "umuntu afise ubwema" kubera kuba "umwema" vyumvikana nko kwerekana ico uri.
Abantu bambwira ko ntegerezwa kwemera ibintu vyanshikiye muri kahise ariko siko ndabibona. Nemera ko umuntu akeneye kumenya ivyabaye hanyuma agategera igituma ariko ntace avyemera. Sinshobora kwemera ko abana bicwa kubera bavutse ari abema. Nshaka guhindura isi.

Ahavuye isanamu, Anne Weidinger
Nshaka ko abandi bana b'abema - canke bagendana ubundi bumuga canke ibindi bitandukanye - ko bamenya ko bashoboye no kuba ico ari co cose bashaka. Kuri jewe, ndatandukanye n'abandi muri bimwe bimwe ariko n'abandi n'uko. Ndakunda kwinonora imitsi no kuduga imisozi kandi nshobora kubikora co kimwe n'uwundi uwo ari we wese. Abantu bashobora kuvuga ko udashobora gukora ibi canke biriya, ariko urabishoboye, gerageza guza.
Izi foto zose tuzifitiye uburenganzira bwo kuzikoresha










