Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DRC: umutegetsi mukuru wa Isilamu yaraye yishwe arashwe i Beni
Umwe mu bategetsi bakuru b'idini rya Isilamu yaraye agandaguwe, arashwe n'abantu bataramenyekana mu buseruko bwa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo (DRC).
Sheikh Ali Amini yarashwe amasasu menshi mu gihe yari arongoye amasengesho y'ejo ku mugoroba mu musigiti mukuru w'igisagara ca Beni mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Ubu bwicanyi bwabaye haciye amasaha make Perezida Félix Tshisekedi w'ico gihugu atangaje ko intara zibiri zigoswe kuva ku wa gatanu.
Iki gitero cakozwe mu gihe c'Ukwezi Kweranda kwa Isilamu, Ramadan, cateye ubwoba bwinshi mu bantu.
Nta murwi n'umwe uriyitirira ubu bwicanyi, ariko vyinshi mu bitero nk'ibi bimenyerewe bikorwa n'inyeshamba z'umurwi ADF zirwanya ubutegetsi bwa Uganda.
Umurwi Etat Islamique (IS) nawo wariyitiriye bimwe mu bitero vyayo, ariko gushika ubu ntibiratomoreka neza imigenderanire ufitaniye na ADF.
Imbere y'uko iki gitero kiba, ibigwati bibiri vyo muri ako karere vyari vyatewe n'abikekwa ko ari izo nyeshamba za ADF, umurwi umaze igihe ukiririmbira muri ako karere, kuva mu myaka ya 1990.
Ibi bibaye mu gihe abaharanira agateka ka zina muntu bafise impungenge ku ngingo ya Perezida Tshisekedi yo gutangaza ko intara zibiri - Kivu ya Ruguru na Ituri - zigoswe n'ingabo z'igihugu.
Bafise ubwoba ko igisirikare kigiye kwongererezwa ububasha mu gihe kivugwa ko gifise amateka mabi cane y'ihohotera.