Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DRC: Intara za Kivu ya Ruguru na Ituri ubu ziragoswe
Reta ya Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo itangaza ko intara za Kivu ya Ruguru na Ituri mu buseruko bw'ico gihugu ubu zigoswe.
Iyi ngingo ifashwe biturutse ku bwicanyi bubandanya bwiyongera muri izi ntara zibiri bukorwa n'inyeshamba zirwanya ubutegetsi bw'igihugu bibanyi hamwe n'izirwanya ico gihugu nyene, ziyogoza ako karere.
Icegera c'umushikiranganji wa mbere akaba n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, Daniel Aselo Okito, yabwiye abanyamakuru ko iyi ngingo ifise intumbero yo kugarukana umutekano muri ako karere.
Avuga kandi ko yafashwe n'umukuru w'ico gihugu, Felix Tshisekedi, mu nama yari ahejeje gukorana n'Inama nkuru ijejwe kwivuna umwansi nijoro ku wa gatanu.
Hari hajejeje kandi kuba inama ya mbere y'abashikiranganji iherutse kwemezwa n'inama nshingamateka ku wa mbere uheze.
Itangazo ry'ibiro vy'umukuru w'ico gihugu rivuga ko mu masaha ari imbere kuri uyu wa gatandatu umukuru w'igihugu aza gusohora itegeko bwirizwa risigura neza iyi ngingo.
Muri DR Congo, ibitigiri bifiswe n'ishami rya ONU ryitaho impunzi kw'isi, UNHCR, vyerekana ko abantu imiriyoni 5.2 bataye izabo bagahungira hagati mu gihugu, igitigiri ca mbere kinini muri Afrika, kikongera kikaza ubwa kabiri kw'isi yose.