Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
ADF Nalu iregwa kwica no gukunyuruza benshi i Tshabi mu buseruko bwa Kongo
Abarwanyi bateye ikigwati mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Kongo bica abantu batandatu, bikibazwa ko boba bagiye banyuruje abandi barenga 30.
Umuvugizi w'igisiriakre ca Kongo yegetse ico gitero co kuwa gatatu mu ntara ya Ituri mu kigwa ca Tshabi, ku rwarwanyi b'umugwi Allied Democratic Forces - canke ADF - umugwi ufise amamuko muri Uganda.
Bivugwa ko abasirikare ba Kongo batanye mu mitwe n'abo barwanyi ikirongo kirenga isaha yose.
Uwo muvugizi yavuze ko batanu muri abo bagavye igitero bishwe co kimwe n'umusirikare umwe wa leta.
Umwe mu barongozi kama bo muri ako karere yavuze ko abantu mirongo itatu bo mu kigwati atawuzi irengero ryabo.
Vyibazwa ko bashobora kuba banyurujwe n'abo barwanyi, bagiye banasahuye inka zishika kw'ijana.