Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RDC: Abarenga 20 barishwe muri Beni
Ubwicanyi bwaraye buhitanye abantu barenga 20 mu ntara ya Kivu ya ruguru muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo buregwa umugwi ADF-NALU ukomoka muri Uganda.
Hari amakuru avuga ko n'iyindi migwi, irimwo bamwe mu basirikare ba Congo, yoba yaragize uruhara muri ubwo bwicanyi bwabereye mu karere ka Beni.
Igitigiri c'abo ubwo bwicanyi bwahitanye gishobora kwiyongera na buryo hari ibiziga bikekwa ko vyoba vyaratawe mw'ishamba rihegereye.
Haraheze imyaka ibiri akarere ka Beni kavugwamwo ubwicanyi bumaze guhitana annyagihugu baharugwa mu majana.