Tanzania-Covid : Prezida mushasha wa Tanzania asabwa na OMS kurwanya coronavirus

Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus

Ahavuye isanamu, AFP

Umukuru w'ishami rya ONU riraba amagara kw'isi OMS/WHO, umunye Ethiopia Tedros Adhanom Ghebreyesus, yarungitse ubutumwa bwo gukeza umukuru mushasha wa Tanzania, avuga ko yizeye ko bazokorana mu kurwanya umugera wa Covid-19.

Umukuru wa OMS yanditse kuri Twitter ati: "Niteze ko tugiye gukorana kugira dukingire abantu indwara ya Covid-19, turangize ikiza hanyuma Tanzania kibe igihugu c'amagara meza gusumba. Dufashanije."

Tambuka X ubutumwa, 1
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 1

Samia Suluhu Hassan kuri uyu wa gatanu ni ho yarahirira amabanga yo kuba umukuru w'igihugu mushasha wa Tanzania - iminsi ibiri inyuma y'urupfu rwa prezida John Pombe Magufuli.

Uwo muhisi yaramenyekanye cane mu makungu muri uyu mwaka uheze ku buryo yitwaye ku kibazo ca coronavirus.

Tanzania ntirasubira gutangaza ku mugaragaro amakuru yerekeye ico kiza kuva mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze, kandi reta yaranse kurondera incanco n'ubwo OMS yagumye isaba ko abanyeTanzania bakingirwa.

Ahubwo prezida Magufuli yahamagarira abanyagihugu gusenga no kwiyuka kugira bikingire uwo mugera.

Magufuli yarakekeza kandi akamaro k'udufukamunwa, ikintu umwanditsi w'umuganda Charles Onyango-Obbo yavuze kuri Twitter ko kitaciye mu ryahumye Gado mu gicapo ciwe ca politike ca nyuma.

Tambuka X ubutumwa, 2
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 2

Uwo munye Tanzania aba muri Kenya, Godfrey Mwampembwa azwi cane kw'izina rya Gado, yandika ibineguro yishimikije ibicapo (Caricaturiste /cartoonist) yerekana Magufuli, umukatolika yabigendera, ari ku bw'injiriro bw'ijuru yakiriwe n'umumarayika amubwira ati: "Nagira ndakumenyeshe ko udashobora kwinjira utambaye agafukamunwa!"

Havuzwe vyinshi ku magara ya Magufuli imbere y'uko apfa ku wa gatatu, urupfu vyavuzwe ko rwatewe n'ukwunyuka kw'ikibazo c'umutima yari asanganywe.

Yari amaze indwi zirenga zibiri ataboneka ahagaragara, abatavuga rumwe n'ubutegetsi bakaba bavuze ko yari agwaye Covid-19.