Covid-19: OMS/WHO isaba Tanzania gutanga ibitigiri vy'abandura coronavirus

Abategetsi b'igisata c'amagara y'abantu bahimiriza abanyagihugu gukaraba no gukurikiza ingingo zo kwikingira corona

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abategetsi b'igisata c'amagara y'abantu bahimiriza abanyagihugu gukaraba no gukurikiza ingingo zo kwikingira corona

Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO, ryongeye gusaba reta ya Tanzania gusubira gutangaza abanduye ca kiza karanda ca Covid-19, rikavuga ko bishobora gufasha gukingira Abatanzania n'incuti zabo.

Umukuru w'iri shirahamwe Tedros Adhanom Ghebreyesus, avuga ko amaze kuvugana n'abategetsi ba Tanzania ku bijanye n'ingene bofata ingingo zo kuzibira ikwirakwira ry'ikiza ca Covid-19, ariko ko gushika ubu OMS ata na kimwe iramenyeshwa ku ngingo reta iriko irafata mu kurwanya iki kiza.

Ati: "Nasavye ko boza barerekana ibi bitigiri inyuma y'aho bibonekeye ko hari ingenzi zanguye".

Sibwo bwa mbere OMS itanga iki cipfuzo kuva aho reta ya Tanzania ihagarikiye kumenyesha ingene iki kiza cifashe mu gihugu n'abo kimaze guhitana.

Mw'itangazo ryo guhoza iki gihugu ku rupfu rw'umutegetsi aherutse kwitaba Imana, umukuru wa OMS avuga ko atewe impungenge n'ingene iki kiza cifashe muri ico gihugu.

Ati: Nsaba Tanzania gushira mu ngiro ingingo zijanye n'ukubungabunga amagara y'abantu tuzi twese ko zifasha guhagarika ikwirakwira, kandi ikitegurira incanco".

Avuga ko hari Abatanzaniya batari bake baherutse kuja mu bihugu bibanyi no mu zindi mpande z'isi bapimwe bagasanga baranduye Covid-19.

Ati: "Ibi vyerekana ko ari ngombwa ko Tanzania ifata ingingo ruhasha kugira ngo ikingire abanyagihugu bayo n'abo muri ibi bihugu n'ahandi".

Iri tangazo risohowe mu gihe umushikiranganji wa mbere wa Tanzania Kasim Majaaliwa aherutse gusaba abanyagihugu gukurikiza ingingo zo guhagarika ikwirakwira ry'uwu mugera mu gukurikiza ingingo ngenderwako zashizweho n'igisata kijejwe amagara y'abantu harimwo kwambara udupfukamunwa.

Umushikiranganji Majaaliwa yavuze aya majambo ku musi bashingura umunyamabanga wa reta John Kijazi yasandavye ku wa gatatu ahitanywe n'indwara itatangajwe.

Uno musi niwo musi wa nyuma w'ikiringo co gusenga casabwe na Perezida John Magufuli, aho yasaba abarongoye amadini gusenga kugira ngo Imana ikingire igihugu umugera wa coronavirus.

Mu mwaka uheze, yarateye akamo nk'aka ko gusenga mu kiringo c'imisi itatu, mu nyuma atangaza ko ico gihugu cashoboye kwiganzura ikiza karanda ca Covid 19.