Covid-19: Tanzania ivuga ko idakeneye incanco za corona ubu, ihimiriza imiti kama

Umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Tanzania Muganga Dorothy Gwajima, avuga ko iki gihugu ata mugambi gifise wo gutumako incanco za coronavirus.
Mu kiganiro n'abanyamakuru ku mugoroba wo ku wa mbere ku mugwa mukuru Dodoma, umushikiranganji Gwajima yavuze ko muri Tanzania ata Covid-19 iriyo, akaba yasavye abanyagihugu gufata ingingo zo kwikingira harimwo no gukoresha imiti kama.
Ati: ''Muri uno mwanya ubushikiranganji bw'amagara y'abantu nta mugambi wo kwakira urucanco rwa corona canke Covid-19, ruvugwa ko rumaze kuboneka rukaba ruriko rurakoreshwa mu bindi bihugu".
Aya majambo ayashikirije mu gihe icegera ca mbere c'umukuru wa Zanzibar, Maalim Seif Hamad Sharif, umugore wiwe hamwe na bamwe mu bafasha biwe banduye coronavirus.
Avuga ko reta iciye mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu ifise inzira yayo ikurikiza iyo ishaka kwakira ibidandazwa ivyo ari vyo vyose mu gisata c'ubuvuzi.
Ari kumwe n'icegera ciwe hamwe n'umuhinga mu bijanye n'imiti kama wo mw'ishirahamwe rikora ubushakashatsi ku miti muri Tanzania, National Institute for Medical Research (NIMR), umupfasoni Gwajima yerekanye ingene uwu muti kama utegurwa hakoreshejwe tangawizi, ibitunguru, indimu hamwe n'ipiripiri.

Umushikiranganji Gwajima avuga ko igihugu gitekanye ariko agatera akamo abanyagihugu gufata ingingo zo kwikingira bivanye n'uko iki kiza kibandanya gikwirakwira mu bihugu bibanyi.
Ati: " Rero ico ngomba kuvuga,igihugu cacu kiratekanye; turumva ko mu bihugu bibanyi hari ingorane, nturindire ngo iyi ndwara ive ku mubanyi yinjire iwawe kuko dusanzwe tugenderanira, rero twebwe turiteguye".
Yongerako ati: "Iki nico kirwanisho utegerezwa gukora hanyuma ukanywa, ukinonora imitsi, ukanywa amazi menshi, ukaruhuka, ubuvuzi kama".

Mu misi iheze, umushikiranganji w'ubutegetsi bw'igihugu, Selemani Jafo, yavuze ko iki gihugu cari cimirije gutanguza isekeza ryo kurwanya ikwirakwira ry'umugera wa coronavirus guhera ku wa mbere igenekerezo rya 01/02/2021.
Ahawe ijambo mu rugendo yarimwo ari kumwe n'umukuru w'ico gihugu John Pombe Magufuli mu ntara ya Tabora, yavuze ko iki kiza ata kibanza gifise mu gihugu kandi ko abanyagihugu bazobandanya batakambira Imana.
Aya majambo ashikirijwe mu gihe havugwa ubundi bwoko bushasha bw'umugera wa coronavirus muri Afrika y'Epfo no mu Bwongereza, uriko urakwirakwira mu bihugu vya Afrika.
Ku wa gatanu w'indwi iheze, umuvugizi wa reta ya Tanzania, Hassan Abbas, yavuze ko igihugu kibandanya gikurikiza ingingo zose zo kwikingira iki kiza, cane cane muri kino gihe isi ihanganye n'umurindi wa kabiri w'iki kiza.
Avugana n'iradiyo EFM iri mu gisagara ca Dar es salam, Abbas yavuze ati: "Twebwe muri Tanzania duhagaze ha handi nyene, turazi ko hari ikibazo kw'isi, kandi isi iri mu rugamba rutoroshe, ariko ica mbere Abatanzania batsinde ubwoba, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwaratanze amabwirizwa ngenderwako".
OMS/WHO ivuga iki?
Umusi umwe inyuma y'aho Perezida Magufuli asabiye ubushikiranganji bw'amagara y'abantu kwihoza izi ncanco za corona, ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi ryahamagariye iki gihugu kwitegurira urucanco rwa corona nk'ibindi bihugu vyo kw'isi.
Mu kiganiro n'abanyamakuru hifashishijwe ubuhinga ngurukanabumenyi, umukuru wa OMS mu karere ka Afrika, Muganga Matshdiso Moeti , avuga ko ari ngombwa ko Tanzania ifata aka kanya habonetse urucanco ku nyungu z'abanyagihugu n'akarere kose ka Afrika y'Ubuseruko.
Ati: "Twatanguye kuvugana n'abategetsi bo hejuru, kandi tubandanya dutanga intererano yacu nk'uko vyari bimeze kuva kera, kandi dushaka gukorana na Tanzania kw'izina ry'abanyagihugu ba Tanzania, ibihugu bibanyi n'isi yose muri rusangi".
"Kimwe mu vyo tubwira Tanzania ni ukwibutsa reta ko ibi ari ibiri mu masezerano mpuzamakungu ajanye n'amagara y'abantu, aho ibihugu biri muri iri shirahamwe vyiyemeje vyose hamwe kurwanya ikwirakwira ry'indwara".
Muganga Moeti avuga ko OMS yamye itanga intererano yayo ikanavugana na reta ya Tanzania kuva iki kiza karanda ca corona kigitangura.
Iri shirahamwe kandi rirashimangira ko ari ngombwa ko Tanzania yama itanga ibiharuro vy'ingene corona yifashe mu gihugu kugira ngo vyorohe guhangana nayo no kuzibira kugira ngo ntihagire abandi bantu bandura.
Muganga Moeti ati: "Kimwe mu vyo ibihugu bihurikiye muri iri shirahamwe vyumvikanyeko ni ugutanga ibiharuro vy'ingene iyi ndwara yifashe, iki nacibukije reta ya Tanzania kandi ndafise urwandiko rwerekana neza ko bategerezwa gukurikiza aya masezerano. Turizeye ko ivyo twumvikanye ku bijanye n'incanco bizokurikizwa kugira ngo turwanye uwu mugera".








