Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amasasu ku murwa mukuru wa Somalia mu myiyerekano y'amatora
Amasasu menshi yasiranye ku murwa mukuru wa Somalia mu gihe indongozi z'abatavuga rumwe na reta barenze ku ngingo ibuza amakoraniro y'abantu benshi mu kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza ugucereza amatora.
Ikiringo c'umukuru w'igihugu caheze ku ndwi iheze ariko hadatowe uwumusubirira bituma Sonalia ija mu mayirabiri ya politike.
Mw'ijoro, reta yavuze ko abantu bitwaje ibigwnisho bateye ibirindiro vy'ingabo za reta i Mogadisho hafi y'ikirimba c'umukuru w'igihugu.
Menshi mu mabarabara yo muri ico gisagara yugawe, ingabo zidasanzwe nazo ziragomorwa.
Prezida Mohamed Abdullahi Mohamed, azwi kandi nka "Farmajo", yitezwe kugira inama n'abakuru b'intara zitanu zigize Somalia mu ntumbero yo kugerageza kurangiza izo ngorane.
Indege ziva mu bindi bihugu zigana ikibuga gikuru c'indege ca Mogadishu zahagaritswe kujayo kubera amasasu na vya muzinga vyasirana mu micungararo y'ico kibuga, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC Bella Hassan ari muri ico gisagara.
Imyiyerekano y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi yariko irabera kw'ibarabara rikuru ry'ikibuga c'indege igihe ayo masasu yaduka.
Amakuru avuga ko abajejwe umutekano barashe mu kirere kugira bashwiragize abari mu myiyerekano.
Umwe mu bari mu myiyerekano Farah Omar yabwiye Reuters kuri telephone ati: "Ingabo nyinshi zaduteye, ubu nubitse inda mu kayira."
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze ko rihagaritswe umutima cane n'imishamirano hagati y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi n'inzego zijejwe umutekano mw'ijoro ryakeye no ku wa gatanu mu gitobndo.
Ryasavye ko haba "'ituze n'ukwifata ku mpanse zose" n'uko "amayira yo kuvugana aguma yuguruye kugira icuka kibi kigabanuke".