Somalia: ‘Turacakeneye Abanyamerika ku mutekano wacu’

Icuka kibi kibandanya kiduga muri Somalia mu gihe ubutegetsi bw'iki gihugu buriko bugerageza gutegura amatora arimwo impari nyinshi cane, ingabo kirumara za Amerika nazo zikaba zavanywe mu gihugu.

Ni mu gihe kandi hari amakenga menshi ko abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu, basanzwe bafise uburyo bwinshi, bariko bariyubaka.

Abihweza ibintu n'ibindi, co kimwe n'abaserukira ibihugu vyabo muri ico gihugu, baragabisha ko Somalia - inyuma y'imyaka ishika 30 ubutegetsi butembagaye igihugu kikagwa mu kajagari - iri mu mayira abiri, kandi ko n'intambwe yari imaze gushikwako mu gusanura kino gihugu iri ahatemba.

James Swann, intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa ONU, yabwiye BBC ati: "Somalia iri mu bihe bidasanzwe".

Avuga ko ingendo y'abategetsi b'intara nab'igihugu "y'ukwikunda n'ukwigungirako" - mu gihe batarumvikana ingene amatora y'abashingamateka amaze igihe kirekire arindiriwe yongenda - ishobora guta igihugu mu kaga.

Umurwi w'amashirahamwe n'ibihugu bikomakomeye - harimwo ONU, Umuryango w'Ubumwe bw'ibihugu vya Buraya, hamwe n'ingabo z'umuryango w'Ubumwe bw'ibihugu vya Afrika - wasohoye itangazo rikomeye risaba abanyapolitike ba Somalia gutorera umuti ibibazo vyabo babicishije mu biganiro.

Uyu murwi uti: "Ingendo iyo ari yo yose yo gukoresha igikenye ntishobora kwemerwa".

Somalia yari yiteze gukora amatora mu mwaka uheze "aho abanyagihugu bo nyene ubwabo ari bo bari kwitorera ababarongora", iyoba ari intambwe nini muri kino gihugu kimaze igihe kinini kirangwamwo indyane.

Ariko rero, imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ahanini ishingiye ku moko iriyamiriza aya matora kubera ifise amakenga ko amatora ashobora kwibwa, mu gihe amasezerano yashitsweko biciye kure ari muri kabaza.

Imwe muri iyo migambwe yagiriza umukuru w'ico gihugu Mohamed Abdullahi "Farmaajo", ko ariko arondera ko abarongoye uburere bagendera ku vyo ashatse.

Uwahoze ari umuhanuzi w'umukuru w'igihugu mu vyo umutekano, Hussein Sheikh Ali, avuga ati: "Ibi bishobora kuvamwo akarambaraye mu gihe bitotorerwa umuti muri ano matora".

"Bose barazi ko demokarasi yacu igeze ahatemba, rero dutegerezwa kubishira ku murongo".

Hampande y'icuka kibi kirangwa ku mugwa mukuru Mogadishu - igisagara cigeze gutabagurwa n'abarwanyi bashingiye ku moko - hari amakenga agenda yiyongera ku bijanye n'abarwanyi ba al-Shabaab.

Ingabo z'umuryango w'ubumwe bwa Afrika zifatanije n'ingabo za Somalia zaromoye al-Shabaab muri iki gisagara hamwe no mu bindi bisagara hafi vyose bikomeye, ariko iraciganziye ibice bitari bike hagati mu gihugu.

Yarashinze kandi ubutegetsi bukorera mu kinyegero i Mogadishu bubangabanganywe n'ubw'igihugu, aho itoza amakori kandi igatera ubwoba abadandaza.

Yarashinze amasentare agendera kuri rya tegeko rya Isilamu, Sharia, ikagandagura abantu kanaka, kandi igakora vya bitero vy'ubwiyahuzi ku mahoteri no ku biro vyegukira reta.

Uyu yahoze ari umuhanuzi wa Perezida Farmajo yabwiye BBC ati: "Bose baratozwa amakori na Al-Shabaab, mu buryo buziguye canke butaziguye, harimwo n'umukuru w'igihugu - kuko imfungurwa afata zitozwako amakori na al-Shabaab".

"Muri iyi myaka ine iheze yagiye yiyubaka gusumba. Abantu benshi barasuzugura al-Shabaab bakabona ko ari umurwi ataco umaze. Ariko ni umurwi wiyubatse neza, ugendera ku vyiyumviro bimwe kandi ufise intumbero iteguye neza yo gufata kino gihugu".

Abantu 15 baragandaguwe mu kwezi kw'umunani kw'umwaka uheze igihe al-Shabaab itera ihoteri ikomeye Elite, iri ku nkengera y'ibahari i Mogadishu. Nyeneyo avuga ko yibaza ko iyo hoteri yatewe kubera yanse gutanga amafaranga muri uyo murwi.

Abdullahi Nor yaciye yihutira kuyisanura kandi ubu ibikorwa birabandanya. Avuga ati: "Bari bazi neza ko ata mafaranga twashobora gutanga muri al-Shabaab".

"N'aho ivyabaye vyabaye, turiteguye kubankira kandi tuzobivuna".

Ariko Nor, co kimwe n'abakiriya biwe hamwe n'abandi banyagihugu, afise amakenga aravye ibiherutse kuba - ingingo ya Perezida Donald Trump yo gukura ingabo za Amerika muri ico gihugu.

Ati: "Ni ukuri biraduhagaritse umutima. Turacakeneye Abanyamerika, cane cane ku kibazo c'umutekano".

Abaserukira ibihugu vyo mu burengero bw'isi muri ico gihugu baragerageje kwerekana ko iyo ngingo ya Maison Blanche/White House yo gukura izo ngabo muri ico gihugu ata ngorane iteye.

Izi ngabo zaharurwa mu majana indwi.

Ben Folder aserukira Ubwongereza muri Somalia ati: "Ndizaba ko Abanyamerika bamaze kwiyemeza neza ko bazobandanya bafasha kugarukana amahoro muri Somalia".

Ariko Stephen Schwartz yigeze guserukira Amerika muri Somalia ariyamiriza iyi ngingo akavuga ko ibi bizotuma al-Shabaab itora akoyoko kandi ko isubiza inyuma ibikorwa vyo kurwanya uyu muhari.

Nivyo ko ibitero vya za ndege zitagira abadereva, drone, bizobandanya kuri al-Shabaab, ariko hari amakenga ko za nyigisho zahora zihabwa ingabo zidasanzwe za Somalia, Danab, zishobora guhagarara.

Ali ati: "Ibi bitero vy'indege za Amerika n'ingabo zidasanzwe, vyabangamira cane al-Shabaab bikanayimara amanyama".

"Ahandi hoho, iba igeze ku yindi ntambwe. Ibi rero bishobora kugira ingaruka mbi cane ku twigoro two kurwanya iterabwoba muri Somalia.

"Ubu ingorane ihari ni uko Danab ishobora gutangura gukoreshwa ku nyungu z'abanyaporitike".

Harabaye iterambere riboneka muri Somalia

Fender avuga ati: "Ingorane ni uko intambara zo muri Somalia zitarashobora gutorerwa umuti. Ibibazo ni vyinshi ku kungene ico gihugu gishobora kuzomera".

Somalia yari yateye intambwe ishimishije mu bisata bitandukanye mu myaka mike iheze.

Iki gihugu cari cateye intambwe ikomeye mu kwegeranya imisoro, urwaruka rw'Abasomalia hamwe n'ababa mu mahanga bafise ikibanza gikomeye mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike.

Mogadishu yo nyene ubwayo iriko irahinduka ku muvuduko udasanzwe, kandi mu gihe abanyaporitike boshobora kwumvikana maze habaka ayandi matora uno mwaka, ibi vyosigura ko igihugu cateye intambwe ikomeye mu vyo guhanahana ubutegetsi mu mahoro ku ncuro ya gatatu mu kiringo kitangana imyaka cumi.

Ariko izi ntambwe zose ntizari gushikwako iyo zitaba ingabo za Affrika zagiye kugarukana amahoro, AMISOM, zigizwe n'abasirikare bababa 20.000 ba Afrika, babandanya bacungereye reta, kandi bakaba bafashe iya mbere mu kurwanya al-Shabaab mu myaka itari mike.

Hagati aho, abanegura ibikorwa vy'izi ngabo bavuga ko ubu ata kintu kinini ziriko zirakora kugira ngo zifute burundu aba barwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu.

Ariko ku ruhande rwabo, abategetsi bakuru ba AMISOM bavuga ko utwigoro two kwubaka igisirikare ca Somalia kiri hamwe kugira ngo kibafashe mu ntambara yo kurwanya al-Shabaab dusa n'uko ataco twashitseko.

Hasigaye akarongo ka nyuma

Ali ati: "Ntiturakora ico dutegerezwa gukora, uku ni ukuri. Ariko na Amisom nta kinini irakora".

Mu myaka cumi iheze igihe al-Shabab yari iciganziye igice kirenga inusu ya Mogadishu yari yamunzwe n'intambara z'urutavanako, hari benshi ico gihe babona ko aba barwanyi bashobora gufata iki gisagara mw'isaha itarenga mu gihe AMISOM yokurayo ingabo zayo.

Muri kino gihe, nk'uko bivugwa n'umwe mu bategetsi bo hejuru atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, vyofata "amasaha 12 atarenga ntarenguke" kugira ngo al-Shabaab yigarurire Mogadishu n'ibindi bisagara hafi vyose mu gihe AMISOM yova mu gihugu.