Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Somalia: Igisasu giteze mu butaka cyishe abagenzi bari mu modoka
Polisi n'ababibonye bavuga ko abantu batandatu bishwe n'igisasu cyari giteze mu butaka nyuma yaho imodoka ya bisi nto (minibus) bari barimo ikigongeye hafi y'umurwa mukuru Mogadishu wa Somalia.
Ibiro ntaramakuru Reuters bitangaza ko benshi muri abo bagenzi bari abo mu muryango umwe.
Bari barikwerekeza ku itabaro (mu muhango wo gushyingura) ubwo iyo modoka yagongaga icyo gisasu.
Nta mutwe wahise wigamba iturika ry'icyo gisasu.
Ariko, intangondwa zigendera ku mahame akaze y'idini ya isilamu zo mu mutwe wa al-Shabab zikunze gutega ibisasu mu butaka ku nkengero z'imihanda minini.
Umuhanda icyo gisasu cyaturikiyeho uri ku ntera ya kilometero zigera kuri 20 mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bwa Mogadishu. Ukunze kugendwamo n'imodoka za leta n'iz'abasirikare.
Umupolisi Farah Hassan yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ati:
"Kugeza ubu tuzi ko igisasu cyishe abantu batandatu kigakomeretsa n'abandi... Umubare w'abapfuye ushobora kuza kwiyongera".