Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Al-Shabab iragabisha abatwara abana ku mashule atisunga idini rya Islamu
Umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, Al-Shabab wagabishije abavyeyi ubasaba kudatwara abana ku mashule y'intango canke ya kaminuza atisunga idini rya Islamu.
Mu butumwa bwafashwe amajwi ku minota 26, umuvugizi w'uwo mugwi, Sheikh Ali Mohamoud Rage, yavuze ko uwo wese yoshira umwana mu mashule yigisha imico ya Buraya, azoshikigwa n'ingaruka.
Yavuze ko abana bakwiye kuja mu mashule y'iki Islamu kubera ko ayandi ata ndero iyarangwamwo, kandi ko atuma abantu bipfuza guhungira i Buraya.
Leta ya Somalia yagirije Al-Shabab kubuza abana kuronka indero ikwiye, no kugerageza kubifatira ngo binjire muri uwo mugwi ugendera ku vyiyumviro vy'ubwicanyi.