Burundi - UK: Hashobora kwifashishwa itegeko ry'ingere ku yindi ku kibazo ca Covid

Ikirmba ca Ntare

Ahavuye isanamu, Getty Images

Uburundi buragabisha ko bushobora gusubiriza mu ndumane Ubwongereza mu gihe ico gihugu kitokwisubirako ku ngingo cafashe yo kubuza abantu bava mu Burundi kuja mu Bwongereza kubera Covid.

Ivyo biri ku rubuga rwa Twitter rw'ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Uburundi n'amakungu.

Ubwo bushikiranganji bwandika ko Uburundi ari kimwe mu bihugu biriko biritwara neza mu kugwanya Covid -19 kw'isi, ko butumva rero ico bashingiyeko mu gufatirwa ibihano.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Itariki 29 z'ukwezi kwa mbere, umushikiranganji ashinzwe gutwara abantu n'ibintu mu Bwongereza, Grant Shapps, yatangaje kuri Twitter ko abafise ubwenegihugu bw'Ubwongereza ari bo bonyene bemerewe kwinjira muri ico gihugu bafise urupapuro rwerekana ko batanduye, kandi bagaca bugaranwa mu kiringo c'imisi icumi.

Uburundi, Urwanda na Reta zunze ubumwe z'Abarabu vyashizwe ku rutonde "rutukura" rw'ibihugu, ingenzi zibivuyemwo canke zabiciyemwo, zitemerewe kuja mu Bwongereza.

Iyo ngingo ifise intumbero yo guhagarika ikwirakwizwa ry'ubwoko bwa coronavirus bwa mbere muri Afrika y'Epfo, yashizwe mu ngiro ku musi wa gatanu isaha icenda ku masaha yo mu Burundi no mu Rwanda.

Ubwongereza ntibwasiguye nimba muri ivyo bihugu bitatu hamaze kugera ubwo bwoko bushasha bwa coronavirus.

Mu karere ubwo bwoko bwa coronavirus bukaba bumaze kuboneka mu gihugu ca Kenya gusa.