RDC: Umushikiranganji wa mbere Sylvestre Ilunga Ilunkamba yatanze imihoho

Ilunga

Ahavuye isanamu, Presidential office - DR Congo

Insiguro y'isanamu, Sylvestre Ilunga Ilunkamba yari amaze amezi 15 arongoye reta y'urunani

Sylvestre Ilunga Ilunkamba yatanze imihoho icese um mabanga yiwe y'umushikiranganji wa mbere wa Republika ya Demokrasi ya Congo, ikete ryiwe aakaba yarishikirije umukuru w'igihugu Felix Tshisekedi.

Ilunga asanzwe ari somambike n'uwahora ari umukuru w'igihugu Joseph Kabila, yari amaze amezi 15 arongoye reta y'urunani rw'imigwi ya politike y'abo bagabo babiri.

Ariko ku wa gatatu abashingamateka batoye ingingo yo kumukurako icizere aca ahabwa amasaha 48 kugira abe yakinjuye.

Ilunga na Tshisekedi

Ahavuye isanamu, Presidential office - DR Congo

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere(i bubamfu) yagiye ku biro vy'umukuru w'igihugu gushikiriza prezida Tshisekedi ikete ryo gutanga imihoho

Itanga ry'imihoho ryiwe rihaye akaryo prezida Felix Tshisekedi ko gushinga reta irimwo abamuyoboka.

Gushika ubu yari atewe intambamyi na reta yahuriramwo n'abo mu ruhande rwa Joeph Kabila yasubiriye hisunzwe umwumvikano bagiraniye igihe yaba umukuru w'igihugu haraheze imyaka ibiri.

Intsinzi yiwe mu matora yo mu 2018 yari yakiriwe nk'impimduka ikomeye cane, ni nabwo bwabaye ubwa mbere ubutegetsi buhererekanywa mu mahoro muri ico gihugu mu myaka 60 hafi kimaze cikukiye.

Ubu rero urunani rwa Tshisekedi na Kabila rurangiye.

Prezida Tshisekedi agiye kugena umushikiranganji wa mbere mushasha azoca ashinga reta ikurikira.