DR Congo: Inama nshingamateka yabogoje umukuru wayo asanzwe acuditse na Kabila

Jeanine Mabunda niwe mukenyezi wa mbere yari yizigiwe ngo arongore inama nshingamateka ya Congo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jeanine Mabunda niwe mukenyezi wa mbere yari yizigiwe ngo arongore inama nshingamateka ya Congo

Inama nshingamateka ya Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo yemeje ko umukuru wayo abogozwa.

Ibi bibaye inyuma y'aho inama nshingamateka isohoreye urwandiko rwo kwiyamiriza uyu mukuru w'inama nshingamateka, Jeanine Mabunda, asanzwe acuditse cane na Josepf Kabila, hamwe n'abo bakorana, bakagirizwa uburongozi bubi.

Iyi ni intsinzi kuri Perezida Félix Tshisekedi amaze igihe atumvikana n'uwo yasubiriye, Perezida Kabila.

Mu ntango z'iyi ndwi, haradutse akaguma mu nama nshingamateka, biba ngombwa ko igipolisi kiza kubanguranya abari bashamiranye.

Jeanine Mabunda, umukuru w'iyi nama nshingamateka, ni akadasohoka na Josepf Kabila, akaba yabogojwe n'amajwi 281 kuri 200.

Niwe mukenyezi wa mbere yari yizigiwe ngo arongore inama nshingamateka ya Congo, ariko mu nyuma ico cizere bari bamuhaye kikaba cagiye gisubira inyuma.

Abashingamateka begamiye ku ruhande rwa Perezida Tshisekedi bamwagiriza ko ahengamira ku ruhande rwa Kabila mu ngingo ziwe, arico gituma yabogojwe. Wewe arahakana ivyo yagirizwa.

Aya matora yatumye abashingamateka benshi baja ku ruhande rwa Perezida Tshisekedi.

Ubu rero, ni akanya keza kuri we ko gushira mu ngiro imigambi yatangaje ku wa Mungu uheze, harimwo gushinga reta nshasha avuga ko yomworohereza gukorera bikwiye abanyagihugu ba Congo.

Iri bogozwa ry'umukuru w'inama nshingamateka ni uruhombo rudasanzwe kuri Perezida Kabila, yashikirije ubutegetsi mu mwaka uheze inyuma y'imyaka 18 arongoye iki gihugu.

Hagti aho, n'aho yari yashikirije ubutegetsi amaze gutsindwa mu matora, yagumanye ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka y'igihugu, co kimwe no mu nama nshingamateka z'uburere.