737 Max: Boeing 'yakoresheje amanyanga' mu myimenyerezo y'abadereva ba ya ndege 737 Max

Ahavuye isanamu, Reuters
Umurwi w'abakenguzamateka ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko abarongoye ikompanyi y'indege Boeing "yakoresheje amanyanga" mu bikorwa vy'imyimenyerezo y'abadereva mu twigoro two kurondera ko indege zayo737 Max zosubira kwemererwa gukora.
Kuva mu mwa kagatu 2019, izi ndege zarahagaritswe kw'isi yose inyuma y'amasanganya rutikizabantu abiri.
Abakoze ayo matohoza bagiriza abarongoye Boeing n'ikigo kijejwe kugenzura ingendo z'indege muri Amerika (FAA) ko "bagerageje kunyegeza amakuru akomeye".
Boeing ivuga ko iriko irihweza ibi bivugwa kandi ko yabifashe "nka nkama", mu gihe ikigo FAA coco kivuga ko ataco ciyagiriza.
Ikigo FAA kivuga ko icegeranyo c'umurwi ujejwe ubudandaji mu nama nkenguzamateka kirimwo "ibirego bidafise ishingiro", kikavuga ko cihweje bihagije iyi ndege 737 Max. Kivuga ko cizeye neza ko ibibazo vy'umutekano w'iyi ndege vyatorewe umuti.
Amasanganya rutikizabantu muri Indoneziya na Etiyopiya yabaye mu kiringo c'amezi atanu gusa, ahitana abantu 346. Vyavuzwe ko aya masanganya yatewe n'ibibazo vy'ubuhinga bwa logiciel yitwa MCAS, ivyatumye izi ndege zikoroka haciye akanya gato gusa zigurutse.
FAA yarakoze igerageza mu ntumbero yo kuraba ko iyi ndege ishobora kwemererwa kuguruka. Bwari uburyo bwo kuraba ukungene abadareva bashobora kuvyifatamwo mu bubangutsi mu gihe hoba izindi ngorane z'ubuhinga.
Mu cegeranyo cawo, umurwi w'abakenguzamateka bavuga ko bisunze "amakuru yizewe bahawe n'inderetsi nabo bakayatohoza, hamwe n'ibiganiro bagiriraniye n'abakozi ba FAA", wabonye ko abakozi ba FAA na Boeing bahagarikiye iyi myimenyerezo bari "bateguye inyishu imbere y'iyi myimenyerezo kugira bemeze ko abadereva bahawe inyigisho zikwiye zizobatuma bakora mu bubangutsi mu gihe habaye ingorane".
Uyu murwi uvuga ko "Abarongoye Boeing bakoze amanyanga mu gikorwa c'imyimenyerezo y'abadereva ku bijanye na MCAS, ibiteye kubiri n'ibijanye n'igerageza".
Bati: "Biraboneka ko FAA na Boeing bagerageje kunyegeza ukuri ku bijanye n'icoba carateye aya masanganya ruhonyabantu ya 737 Max".
Ibi bibaye inyuma y'aho mu kwezi guheze ikigo FAA gitangiye uburenganzira ku ndege 737 Max za Boeing gusubira kuguruka. Cavuze ko indege zari zisanzwe zihari zategerezwa gusubirwamwo imbere y'uko zisubira mu kirere, maze abadereva nabo bakabanza gusubira gukarihirizwa ubwenge.
FAA yavuze ko impinduka zakozwe kuri izo ndege "zakuyeho icateye aya masanganya adasanzwe".
Mu ntango z'uku kwezi, ikompanyi Gol yo muri Brezili niyo yabaye iya mbere yasubiriye gukoresha Boeing 737 Max. Ikompanyi y'indege ya Amerika, American Airlines, yavuga ko yari yiteze gusubira kwugurura ingendo za 737 Max ku wa 29 z'uku kwa cumi na kabiri.










