Boeing ihejeje kugerageza indege nini nshasha, 777X, y’imoteri zibiri

Ahavuye isanamu, AFP
Ikompanyi Boeing yo muri Amerika ihingura indege yahejeje igerageza ry'indege nshasha nini cane y'imoteri zibiri, 777X.
Iyo kompanyi iriko ica ku giti no ku mabuye kugira ngo isubize itoto ishusho yayo inyuma y'aho indege zayo 737 Max zihagarikiwe mu mwaka uheze bivuye ku masanganya ruhonyabantu abiri yahitanye abantu 346.
Iyo ndege yageragerejwe hafi y'igisagara ca Seattle ikaba yamaze amasaha ane mu kirere.
Muri ino ndwi, iryo gerageza ryarahagaritswe incuro zibiri kubera umuyaga mwinshi.
Vyitezwe ko haba ayandi magerageza imbere y'uko iyo ndege itangura gukora mu mwaka uza, muri kompanyi yunguruza abantu Emirates.
Iyo ndege izokwunguruza abantu ipima hafi imetero 77, ikaba yari yitezwe ko yotanguye gukoreshwa uno mwaka ariko ikaba yabaye irarindirijwe kubera ibibazo vy'ubuhinga.
Wendy Sowers ajejwe ivyo kugurisha iyo ndege 777X avuga ati: "Ico ni ikintu gikomeye dukoze nk'ihinguriro".
Boeing ivuga ko imaze gushora izishika 309 - ku giciro c'imiliyoni zirenga 442 z'amadolari imwe imwe.
Iyo ndege izobangabanganwa n'indege ya Airbus A350-1000 ifise ubushobozi bwo gutwara abantu 360.

Ahavuye isanamu, Reuters
Boeing imaze igihe mu bibazo kuva ya masanganya abiri ya 737 Max, yabaye mu kiringo c'amezi atanu - irya mbere muri Indonesia mu kwa cumi 2018, irindi muri Ethiopia mu kwa gatatu kw'umwaka uheze.
Iriko ikorwako amatohoza menshi kuko yagirizwa ko yashize imbere amaronko mu kwihutira kugurisha izo ndege kubakiriya bazo kandi hari hakiri uduhaze.
Muri kino gihe iriko yita ku rutare kugira ngo izo ndege zemererwe gusubira mu kirere.
Gushika ubu, Boeing imaze guhomba amafaranga arenga imiliyaridi 9 z'amadolari y'abanyamerika bivuye kw'ihagarikwa ry'indege za 737 Max, indege zari zimaze kwinjiriza Boeing amafaranga menshi cane kuva ibaho.










