Boeing ivuga ko igiye kuba irahagaritse gukora indege za Max 737

Ikompani Boeing ikora indege imenyesha ko igiye kuba irahagaritse gukora indege Max 737 kuva mu kwa mbere kubera ibibazo vy'ubuhinga.
Iyo kompanyi yari yabandanije ikora indege zo muri ubwo bwoko n'aho zari zahagaritswe kuva amezi icenda aheze inyuma y'amasanganya abiri yahitanye abantu isinzi.
Abantu barenga 300 barapfuye mu masanganya abiri ya Max 737, imwe yabereye muri Indonesia mu kwa cumi umwaka uheze, iyindi muri Ethiopia mu kwa gatatu kw'uno mwaka.
Boeing yari yiteze ko izo ndege zishobora gusubira mu kirere kuva mu mpera z'uno mwaka.
Hagati aho, ikigo ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kijejwe kugenzura ingendo zo mu kirere kimenyesha ko kidashobora kwihutira gutanga uruhusha kuri iyo ndege ngo isubire mu kirere.
Iyo kompanyi ya Boeing iri mu gisagara ca Seattle mu ntara ya Washingiton ni imwe mu makompanyi ya Amerika akomeye cane ashorera hanze.
Imenyesha ko itazokwirukana abakozi kubera iryo hagarikwa ry'ugukora Max 737, ariko iyo ngingo isa n'uko izogira ingaruka mbi ku bakiriya no ku butunzi muri rusangi.
Boeing ivuta iti: "Intumbero yacu nyamukuru ni uko Max 737 isubira gukora mu mutekano.
"Turazi neza ko ivyo gutanga uruhusha rwo gusubira gukora n'inyigisho zikenewe bitegerezwa kwitonderwa kugira ngo abagenzuzi, abadushorera hamwe n'ingenzi, bose bagire umwizero ku mpinduka ziriko zirakorwa kuri Max 737".

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu ndwi iheze, umurwi w'abashingamateka ba Amerika babwiwe ko ikigo kijejwe ingendo cari kizi neza ko hashobora kugwa irindi bara inyuma y'isanganya rya mbere muri Indonesia mu kw'icumi 2018.
Icigwa cakozwe n'ico kigo, Federal Aviation Authority, cerekana ko mu gihe cose iyo ndege yashobora kumara yashobora kugira amasanganya menshi cane ata gihindutse mu kungene iyo ndege ikozwe.
Hagati aho, iyo ndege ntiyashotse ihagarikwa gushika yihaye iyindi nkumbi muri Ethiopia mu kwa gatatu 2019.
Boeing iriko isubiramwo ubuhinga bushasha buyituma idahagarara mu gihe iri mu kirere buzwi ko ari bwo bwateye ayo masanganya.
Ihagarikwa rya 737 Max rimaze guhomvya Boeing amafaranga hafi imiliyaridi icenda z'amadolari.
Iyo kompanyi ivuga ko ifise indege 400 za 737 Max mu bubiko ikavuga ko igiye kuraba ingene yoziha abakiriya bayo.
Mu gihe amakompanyi y'indege menshi kw'isi yari yamaze gufata indege, irungikwa ryazo ryari ryahagaritswe mu kurindira ko abahinga bakosoha utunenge twibonekeje muvyo ubuhinga.










