Boeing 737 Max: ikompanyi ya Brazil yasubiye gutangura kwunguruza abantu n'iyi ndege

Ahavuye isanamu, Reuters
Ikompanyi Gol ya Brezili yunguruza abantu n'indege ibaye iya mbere isubiriye kwugurura ingendo na ya ndege Boeing 737 Max.
Iyi ndege yari yarahagaritswe kw'isi yose kuva mu kwa gatatu 2019, inyuma y'amasanganya abiri yatikije inganda aho abantu 346 bapfuye.
Ariko, inyuma y'aho isubiriwemwo, iya mbere yagurutse, ikaba ari iy'ikompanyi Gol mu gisagara ca São Paulo ija mu gisagara ca Porto Alegre muri Brezili.
Imbere y'aho, Gol yatangaje ko 140 mu badereva bayo babanje kuronswa inyigisho muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuri iyi ndege yasubiwemwo.
Gushika ubu, Amerika na Brezili nivyo bihugu vyonyene bimaze kwemerera iyo ndege gusubira gukora.
Gol, ikompanyi nini gusumba izindi zose zikorera hagati mu gihugu muri Brezili, ifise indege indwi za Boeing 737 Max itegekanya gukoresha mu ngendo 27 zo hagati mu gihugu.
Boeing yategetswe gukura ku rubuga indege zose za 737 Max inyuma y'amasanganya abiri mu mezi atanu gusa, yose hamwe yahitanye ubuzima bw'abantu 346.
Kuva ico gihe, ihinguriro ry'izi ndege ryakoze impinduka zitari nke kuri iyi ndege harimwo logiciel igenzura indege, gusubiramwo ibijanye n'amategeko agenga abakozi bayo, no guhindura intsinga z'imbere.
Icegera c'umuyobozi nshingwabikorwa wa Gol, Celso Ferrer, avuga ko yizeye neza ko iyi ndege imeze neza inyuma y'impinduka zakozwe kuri yo.
Yasohoye itangazo avuga ati: "Mu mezi 20 aheze, twakoze isuzuma rikomeye ku mutekano wayo mu mateka y'indege zunguruza abantu. Umutekano nico kintu nyamukuru dushira imbere ya vyose".
Umuvugizi w'iyi kompanyi yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ingenzi zishobora guhindurirwa indege n'amasaha ataco zirinze gutanga mu gihe zizoba zidashaka kugenda na Boeing 737 Max.
Ati: "Bashobora guhindura integuro y'urugendo rwabo ataco barinze gutanga, kandi ata na kimwe gihindutse ku bijanye n'aho bava n'iyo baja mu gihe cose itike y'indege izomara, iki naco kikaba ari amezi 12 uhereye umunsi iguriweko".
Kubona iyi ndege isubiriye kuguruka, ni akarusho kanini kuri Boeing. Uretse ko ari kompanyi ya mbere isubiriye kwunguruza abantu ikoresheje indege Boeing 737 Max, Gol ivuga ko yatumyeko indege 95 737 Max muri Boeing.
Hari haciye ikiringo kiri musi y'indwi imwe gusa ikompanyi ya Irlande, Ryanair, imenyesheje ko yatumyeko indege 75 zo mu bwoko bwa Boeing 737 Max











