Burundi: Abapfasoni 101 bafatiwe mu nzu bugaraniwemwo i Bujumbura

Igipolisi c'Uburundi cahagaritse abapfasoni barenga 100 bari bugaraniwe mu nzu mu gisagara ca Bujumbura

Ahavuye isanamu, AFP

Igipolisi c'Uburundi cahagaritse abapfasoni barenga 100 bari bugaraniwe mu nzu imwe iri muri zone Buterere, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura.

Inzu bafatiwemwo iri muri karitiye Miroir, yari ipanzwe ku miliyoni zibiri z'amarundi n'abantu igipolisi kitashatse kuvuga amazina, ahari icapa cerekana ko bahigishiriza umwuga wo guteka.

Bari bahamaze hagati y'indwi n'indwi zibiri, kandi ngo ababo ntibari bazi iyo bagiye.

Ko ari 101 bava mu ntara za Bujumbura rural, Cibitoke, Bubanza hamwe n'igisagara ca Bujumbura.

Igipolisi cavuze ko abo bantu baja kugurishwa mu bihugu vya Arabie saoudite, Qatar na Oman, urwo rudandazwa rukaba rutemewe haba mu Burundi canke ku rwego mpuzamakungu.

Icegera c'umuvugizi w'ubushikiranganji bwo hagati mu gihugu n'umutekano, Moïse Nkurunziza, avuga ati: "Abo bantu bajanwa mu bihugu vya Arabia saoudite, Oman na Qatar, aho baca bafatwa nk'imbagwa.

"Bashitseyo, ntibahabwa uburenganzira bwo gusubira kuvugana n'imiryango yabo, icibagiwe co n'ugusubira gutaha."

Moïse Nkurunziza yongerako ko abakora urwo rudandazwa bakorana n'iyindi migwi yo mu bihugu bibanyi vya Tanzania, Uganda na cane cane Kenya.

Igipolisi kivuga ko kigiye kwihweza imyidondoro yabo ngo kuko muri bo hashobora kuba hivanzemwo n'abasanzwe bafasha muri urwo rudandaza rw'abantu.

Mu 2018 abagabo babiri, umwe aturuka mu bihugu vy'abarabu n'uwundi w'umurundi, Kasso Abdalla Ebrahim na Bigirimana Hassan, bararengukishijwe muri sentare yo muri Kenya, bagirizwa kuba barondeye abantu 29 b'ubwenegihugu bw'Uburundi, mu ntumbero yo kubakoresha ku nyungu zabo.

Abo bigeme benshi muri bo bari bafise imyaka iri hagati ya 16 na 23 bakaba barashikirijwe igipolisi, bavanywe mu nzu bari bahawemwo indaro mu gisagara ca Nairobi.

Bagifatwa amakuru akaba yavuga ko bariko bitegura kuja mu bihugu vy'abarabu, aho bokoze ubuzi bwo mu nzu.