Abarundi barenga 200 bari i Dubai babuze epfo na ruguru kubera coronavirus

Abenshi muri abo Barundi bagiye i Dubai barondera akazi

Ahavuye isanamu, Eddy Kevin Gahire

Insiguro y'isanamu, Abenshi muri abo Barundi bagiye i Dubai barondera akazi

Abarundi barenga 200 baheze mu gisagara ca Dubai kuva mu kwa gatatu kw'uno mwaka kubera vyanse ko batahuka iwabo inyuma y'aho uruja n'uruza ruhagarikiwe bivuye ku kiza ca coronavirus.

Bavuga ko bari mu mazi abira, bakabona ko bashobora kwisanga mu mabohero kuko ikiringo bahawe na leta y'igihugu ca Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu kizorangira ku wa 12/08.

Bavuga ko barishe amatike mw'ikompanyi y'indege Kenya Airways, ariko ko mu nyuma iyo kompanyi yababwiye ko idashobora kuja mu Burundi kuko ikibuga c'indege ca Bujumbura kicugaye.

Ubuserukizi bw'u Burundi i Dubai burabahumuriza ko ikibazo cabo kiriko kirigwa kandi ko vuba kizotorerwa umuti.

Banga Rigumye, umwe muri abo Barundi yagiye arondera akazi, yabwiye BBC ko ibibazo barimwo vyatanguye kuva mu kwagatatu kw'uno mwaka, igihe u Burundi bwugara ikibuga c'indege.

"Twari twateguye gutaha ku wa 22 z'ukwa gatatu, iyo tariki nyene leta y'u Burundi ica itangaza ko ikibuga c'indege cugaye mu gihe aha i Dubai naho hari hasohotse itangazo rivuga ko ikibuga cari kwugarwa itariki 25 z'ukwa gatatu".

"Twebwe rero twari twateguye kwurira indege kuri iyo tariki kugira ngo ino ntibahave batwugarirako".

Avuga ko bahavuye bitura ubuserukizi kugira bubavugire batahe, ariko bikaba bitakunze.

Bangarigumye avuga ko leta ya Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu yari yabemereye ko impusha zo kuba muri ico gihugu zari kubandanya gushika mu kwa cumi na kabiri, ariko mu nyuma ivamwo irisubirako.

"Twatangarijwe ko kugera kw'igenekerezo rya 12/08 twese twoba twasohotse, atari uko naho uwubishoboye arihe amadolari 700 kugira ngo aronswe visa nshasha. Rero ingorane twebwe Abarundi dufise, kubera coronavirus nta buzi dufise ngo turonke ayo mahera".

Avuga ko vyabaye ngombwa ko bagumayo ataco bariko barakora, gushika aho bene amazu babirukana, ubu bamwe bakaba barara bakirirwa hanze, "ivyo gufungura vyovyo bikaba ari umugani".

Asaba ubutegetsi bw'u Burundi y'uko bwobacishirizamwo bagatahuka amarembe badateje iceyi igihugu.

Eddy Kevin Gahire aserukira abarundi baba muri ico gihugu avuga ko ico kibazo bagishikirijwe, nabo bakagishikiriza ubuserukizi bw'u Burundi i Dubai.

Uwuserukira u Burundi muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu aremeza ko abo bantu abazi kuko bamwituye kandi ko ariko arakora uko ashoboye kugira ngo ikibazo cabo gitorerwe umuti.

Abarundi Dubai

Ahavuye isanamu, Eddy Kevin Gahire

Bapfinda Epimeni yabwiye BBC Gahuzamiryango ko mu bisanzwe iyi ngorane iri n'ahandi, ariko ko ikibazo c'abo bari i Dubai gitandukanye kubera abenshi muri bo ari imisore n'inkumi bagiye barondera ubuzi butobuto.

Ati: "Barafise ingorane kandi zikomeye cane kuko abenshi ntibafise aho baryama, abenshi ntibafise ingene bashobora no gufungura".

"Icabateye ubwoba gusumba ni uko leta y'iki gihugu iherutse gutangaza ko uwo hazogera itariki 12 z'uku kw'umunani azoca atangura gufatwa nk'uwuri mu gihugu bitemewe n'amategeko (overstay)"

"Ico gihe bazoca batangura gutozwa ama Durham 100 ku munsi (hafi 525 amafaranga y'amarundi), mu gihe batanaronka n'ayo gufungura".

Avuga ko ico bakoze kwabaye ukwandikira ababatwara mu Burundi, kandi ko babishuye bakabasaba ko botegura urutonde rw'abo bantu. Afise icizere ko mu minsi ikibazo bazogitorera umuti.

Abasaba kubandanya barindiriye mu kwihangana gushika ikibuga c'indege ca Bujumbura cuguruwe bagashobora gutahuka kuko basanzwe bararishe amatike y'indege.

Arabahumuriza ko ni hagera y'uko ikiringo bahawe kirangira ku wa 12/08 ikibuga c'indege ca Bujumbura kitarugururwa ngo bashobore gutaha ko azobasabira imbabazi mu bushikiranganji bw'imigenderanire ya Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu kugira ngo ntibarihishwe amande.