US: Trump ariko asaba buramatari wa Georgia ngo ahindure ivyavuye mu matora

Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika asaba buramatari w'intara (reta) ya Georgia, umuRepubulika, gufasha kugira ngo itsinzi ya Joe Biden muri iyo reta ifutwe.
Mu butumwa butari buke yacishije ku rubuga rwa Twitter, yasavye buramatari Brian Kemp gutumako inama idasanzwe y'inama nshingamateka y'iyo reta.
Ibi vyabaye imbere y'uko Perezida Trump yitaba imyiyamamazo muri iyo reta mu matora ya kabiri y'abakenguzamateka.
Perezida Trump gushika ubu ntaremera ko yatsinzwe kandi abandanya avuga ko Biden yatsinze kubera ubusuma, ariko akaba atavyemezo yerekana.
Mu mareta atari make yaritwaye ariko nka hose yaratsinzwe gushika ubu.
Georgia yari reta yari ikomeye mu matora aheruka, kandi itsinzi ya Joe Biden - iya mbere y'umu Democrate kuva mu 1992 - yaramufashije gutsinda amatora mu gihugu.
Ubu rero niho hari urugamba rukomeye mu ntumbero yo kwigarurira inama nkenguzamateka y'igihugu. Mu gihe aba Democrats botsinda mu matora abiri ategekanijwe muri iyo reta, aba Repubulika boba batakaje ivyo kwigarurira inama nkenguzamateka y'igihugu
Nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Washington Post, Perezida Trump yarahamagaye Buramatari Kemp ku wa gatandatu mu gatondo amusaba ko yotegeka ko haba umwihwezo w'amajwi y'abatoye imbere y'umusi w'amatora (absentee ballots). Umwe mu begereye ubutegetsi yabwiye iki kinyamakuru ko buramatari Kemp yanse ico kintu kubera ata bubasha abifitiye.
Mu kiringo cose c'amatora, Trump yamye avuga ko ibiharuro binini vy'abatoye hakoreshejwe uburyo bwa posita vyatumye haba ubusuma, ariko nta vyemezo bihari.
Mu nyuma yasubiriye kwandika kuri Twitter atera igitsure uyu buramatari, avuga ati: "Ubwo nyene noca ntsinda bitagoranye muri Georgia mu gihe Buramatari @BrianKempGA canke umunyamabanga wa reta yokwemera ko haba umwihwezo w'ayo majwi...Kubera iki aba ba 'Repubulika' babiri bavyanka?"
Mu nyuma, buramatari Kemp yaciye amwishura kuri Twitter nyene ko "yatumyeko incuro zitatu uwo mwihwezo", ariho rero Trump yaca yishura asaba ko hotumwako inama idasanzwe y'abashingamateka.
Mw'ijambo ryiwe ryamaze hafi amasaha abiri - mu gihe yariko yiyamamariza abakenguzamateka b'aba Repubulika babiri barondera gusubira gutorwa - Perezida Trump yabwiye isinzi ryari mu karere ka Valdosta, Georgia, ko agifise ivyizigiro vyo gutsinda amatora. Asubiramwo ivyo yama avuga ariko ntabitangire ivyemezo, yavuze ati: "Barivye amatora yacu y'umukuru w'igihugu ariko barabesha tuzoyatsinda".
Bafise ivyapa vyanditse ko ngo "Make America Great Again" (Hindura Amerika yongere gukomera), isinzi ryari aho ryaririmba rivuga riti "reka ubusuma" hamwe na "Iyindi myaka ine".
N'aho hari umunezero urenze urugero, hari aba Repubulika bamwe bafise ubwoba ko ivy'uko Perezida Trump yama ariko avuga ko amatora yibwe bishobora guca intege abanywanyi biwe ntibitabe ano matora y'abakenguzamateka.
Ku wa gatatu, umunyamabanga wa reta ya Georgia Brad Raffensperger, umu Repubulika, yavuze ko ata vyemezo bihari ko habaye ubusuma bw'amatora.
Eka n'umwe mu bajejwe amatora muri iyo reta, Gabriel Sterling, na we nyene umu Repubulika, asaba umukuru w'igihugu guhagarika aya majambo avuga ko habaye ubusuma, akavuga ko ibi bishobora gutera imidugararo.
Joe Biden niwe yatsinze amatora aheruka, aho yaronse amajwi 306 mu ntumwa z'itora, kuri 232 za Trump. Vyitezwe ko izi ntumwa z'itora zikorana ku wa 14 z'uku kwa cumi na kabiri kugira ngo zemeze burundu ivyavuye mu matora.










