Burundi: Pierre Buyoya yaciriwe umunyororo w’ubuzima bwose kubera urupfu rwa Ndadaye

Pierre Buyoya ahagarariye African Union mu karere ka Sahel

Ahavuye isanamu, AU

Insiguro y'isanamu, Pierre Buyoya ahagarariye African Union mu karere ka Sahel

Sentare mu Burundi yaciriye Pierre Buyoya yahora atwara Uburundi igipfungo co guherayo ku vyagiriji bine(4) bishingiye ku igandagurwa ry'umuhisi Perezida Melchior Ndadaye.

Pierre Buyoya, w'imyaka 70, ahagarariye ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika mu karere ka Sahel. Ntabwo yigeze aburana muri urwo rubanza.

Inyandiko ya Sentare ntahinyuzwa BBC yaboneye ikopi, ivuga ko Pierre Buyoya n'abandi bantu 15 - benshi bahoze ari aba-ofisiye bakuru mu ntwazangabo z'Uburundi - aribo baciriwe umunyororo wo guherayo.

Abandi bantu batatu, barimwo Bernard Busokoza wigeze kuba visi perezida w'Uburundi, baciriwe igipfungo c'imyaka 20, nayo undi umwe agirwa umwere.

Mu 2018, leta y'u Burundi yashizeko impapuro mpuzamakungu zo gufata Pierre Buyoya, watwaye Uburundi inshuro zibiri (1987 - 1993, 1996 - 2003) yagirizwa uruhara mw'igandagurwa ry'uwamusubiriye mu 1993, Melchior Ndadaye.

Abandi bakatiwe

Indishi za miliyaridi 102.9

Abo bose baciriwe ibihano banaciriwe kandi gutanga bose hamwe indishi y'akababaro ingana na hafi imiliyaridi 103 mu mafaranga y'amarundi.

Ayo mafaranga azogenda ariyongerako gatandatu kw'ijana (6%) buri umwaka kuva umunsi bamenyeshwa ko bashingishirijwe urubanza gushika bayishuye ku gushaka kwabo canke ku nguvu.

Umwaka uheze, maître Yerim Tiam, umushingwamanza wa Buyoya yabwiye BBC ko umukiriya wiwe ubutungane bw'Uburundi butigeze bumuhamagaza kandi kugeza ubwo "batazi ivyaha aregwa".

Mu mpera z'umwaka uheze, Buyoya yabariye Africa24 ko "kugarura 'dossier' ya Ndadaye ari ukwiyegereza ubwoko".

Buri mwaka igenekerezo rya 21/10 Uburundi bwibuka igandagurwa rya Melchior Ndadaye wabaye umukuru w'igihugu wa mbere watowe muri demokarasi.