Burundi: Uwarinda Perezida Ndadaye avuga ko 'yari umuntu Abarundi batazi'

Ahavuye isanamu, Burundi Gov
Haraciye imyaka 26 Melchior Ndadaye, umukuru w'igihugu wa mbere yatowe n'abanyagihugu agandaguwe "n'akarwi k'igisirikare", mw'igerageza ry'ugutembagaza ubutegetsi ryabaye mw'ijoro ryo ku wa 20 buca ari ku wa 21 z'ukwezi kw'icumi 1993.
Perezida Ndadaye yagandaguwe haciye iminsi 102 yimitswe, inyuma y'amatora ya mbere yo ku wa 01 ukwezi kwa gatandatu, aho yatsinze Perezida Petero Buyoya yari amaze imyaka itandatu atwara igihugu amaze gusenyura ubutegetsi bwa Perezida Bagaza mu 1987.
Igandagurwa rya Perezida Ndadaye ryatumye Abarundi basubiranamwo bapfa ubwoko, igihugu naco gica cinjira mu ntambara yamaze imyaka irenga cumi.
Gushika ubu, urubanza rw'abamugandaguye ruracarimwo igipfungu, kuko urwaciwe mu mwaka wa 1998 ku butegetsi bugira kabiri bwa Perezida Buyoya hariho abarwiyamirije.
Mu minsi iheze ubutungane bw'Uburundi bwaragirije Perezida Buyoya ko yoba afise uruhara mu igandagurwa rya Bwana Ndadaye.
Buyoya ivyo yaravyiyamirije anavuga ko ari nka hamwe ubutungane bwomukurikirana ko bishobora gusubira kuvyura indyane z'amoko.
Mbega Ndadaye ni nde?
Melchior Ndadaye yavutse ku wa 28 z'ukwa gatatu 1953, muri komine Nyabihanga, ico gihe ikaba yari mu ntara ya Muramvya.
Igihe ubwicanyi bwo mu mwaka wa 1972 bwaduka, Ndadaye yahungiye mu Rwanda, ahereza amashure yisumbuye i Butare mu Rwanda mu 1975, ari naho yize kaminuza. Yagiye guhunguka mu 1983.
Mu mwaka wa 1988, Ndadaye yarapfunzwe kuva ku wa 28 z'ukw'icumi gushika ku wa 28 z'ukwa 12, bivuye ku ciyumviro yari ashikirije ku vyerekeye indyane zari zihejeje kuba mu makomine ya Ntega na Marangaza z'intara za Kirundo na Ngozi.
Ndadaye ari mu banyepolitike bakuru batanguje umugambwe FRODEBU mu mpisho mu 1986.
Uyu mugambwe wagiye kwemerwa mu 1992 inyuma y'aho kamarampaka yo ku wa 09 z'ukwa gatatu 1992 yemeje ibwirizwashingiro ryemerera intwaro ishingiye ku migambwe myinshi mu Burundi.

Ahavuye isanamu, Social Media
Yarongoye uwo mugambwe awushitsa ku matora y'umukuru w'igihugu yo ku wa 01 na 29 z'ukwa gatandatu 1993, wagiye gutsinda uri kumwe n'imigambwe, RPB, PP na PL.
Ndadaye, umukuru w'igihugu
Amatora yo mu 1993 yaranzwe n'amajambo yo gutyozanya hagati y'abahiganwa bari bahanganye mu myiyamamazo.
Gatien Rukindikiza, yari mu gisirikare c'u Burundi akaba yari arongoye ingabo zacungera ubuzima bwa Perezida Melchior Ndadaye, avuga ko Ndadaye azwi uko atari ameze.
Bwana Rukindukiza yabwiye BBC ati: "Umwanya twamaranye, nasanze Ndadaye yari umuntu Abarundi batazi, kuko yari mu bantu bataboneka kenshi, bita aba 'Revolutionnaires', kuko ingene yiyumvira ibintu vyari bitandukanye n'ivyo bamwitirira".
Bwana Rukindikiza avuga ko Perezida Ndadaye yari amaze kugira intambwe iteye imbere ku bibazo nkoramutima vyari bihanze igihugu, harimwo ivy'amoko, iterambere n'imigenderanire n'ibindi bihugu.
Hariho abatari bake babona ko Perezida Ndadaye yagandaguwe kubero y'uko yari umuhutu, Rukindikiza abona ko abamugandaguye babikoze kuko yari afise intumbero bamwe batagomba.
Yagandaguwe amaze guhakwa kenshi
Igihe Perezida Ndadaye agandagurwa, Bwana Rukindikiza ntiyari bwatahuke ava mu gihugu ca Ile Maurice aho yari yarungitswe gutegura urugendo rwiwe nk'umukuru w'igihugu muri ico gihugu.
Ndadaye yagandaguwe ku wa 21 z'ukw'icumi, inyuma y'incuro zitari nke z'ukugerageza kumugandagura ariko bikaburizwamwo.
Yatanguye guhakwa ataranimikwa, ibizwi cane bikaba ari ivyabaye mw'ijoro ryo kw'igenekerezo rya 02 buca ari irya 03 z'ukwezi kw'indwi 1993, hasigaye iminsi umunani ngo ashikirizwe amabanga.
Ndadaye yarashoboye kurusimba ku butwari bwa Bwana Rukindikiza nk'uko we nyene abisigura.
Kuri uyo munsi, Rukindikiza niwe yari kw'izamu ryategerezwa kurangiza isaha indwi z'ijoro. Ati: "Jewe nasa n'uwuryamye, niho baza baramvyura bambwira ko abasirikare badukikuje".
Avuga ko yaretse uwari arongoye ico gitero arinjira kugira bavugane maze amusigurire ivyo ari vyo, kuko ngo n'amatelefone bari bayaciye.
Ati: "Ndamubajije ivyabaye, yambwiye y'uko mu biro bikuru vya gisirikare bari bamaze gufata ingingo ko Ndadaye bamutora bakaja kumwica, ko rero noreka bakinjira bakamutora".
Avuga ko muri iryo joro yabakuriye inkoni ku gishitsi, arabahakanira ko ata Ndadaye bakorako akiri kw'izamu, ahubwo arabagabisha ko abarasa badakuye meza.
Ati: "Harabaye impari gushika n'aho n'umuntu yari ajejwe umutekano mu gisagara cose ca Bujumbura mu gisirikare ampamagara kuri walkie-talkie.
"Ambwira ko ntegerezwa kubareka ngo binjire, nawe nyene ndamuhakanira y'uko ntareka umuntu n'umwe ngo yinjire, mbere ko ngomba ntangure kubarasa".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Rukindikiza avuga ko ivyo yabigize mu kwihagararako kuko wewe avuga ko yari afise abasirikare 35 b'abajandarume, mu gihe abari bamuteye bangana incuro zitatu kandi bamwe bita abakomando.
Ati: "Jewe naciye ndamutera ubwoba, ndamubwira ko ubwo nyene tubarigita, nawe aca agira ubwoba, asubira muri camp Muha kurondera abamufasha (renfort)".
Bwana Rukindikiza avuga ko muri ako kanya yasigaye aratera ubwoba abasigaye aho, babanza baguma inyuma, ari naho yaciye aronka akanya gatoya ko kuja kuvyura Ndadaye kugira ngo amubwire ivyariko biraba, nawe akaba yamwishuye ko yizeye ubutwari bwiwe.
Rukindikiza avuga ko abo bari babateye bagize ubwoba barateba baragenda, bahura n'uwari abarongoye atwaye izindi ngabo zogufasha.
Bamubwiye ingene Rukindikiza yari yarakaye cane kandi ko yahatswe kubamara, "bose baca basubira inyuma, ivyo kwica Ndadaye bica bipfa uko".
Ndadaye amaze gushikirizwa amabanga, Rukindikiza avuga kandi ko yashoboye kuburizamwo umugambi wo kumurasa avuye mu rugendo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu kwezi kw'icenda.
Bamwishe uwamurinda adahari
Rukindikiza ati: "Igihe bamugandagura jewe atariho ndi, numvise ko ntsinzwe, kuko nari nagiye napanze vyose kandi n'ibikoresho vyose biri aho, kandi napanze ingene haramutse habaye ibintu bashobora gukingira ibiraro kugira ntibajabuke, ariko ivyo vyose bikaba ata na kimwe bagize".
Bwana Rukindikiza avuga ko yanaronse amakuru y'ingene vyagenze, aho yamenye ko "mbere no muri bamwe mu bari bamucungereye basa n'abamuhemukiye, kuko harimwo bamwe mu ntwazangabo buriye uruzitiro bagasiga Ndadaye ku kirimba".
Ati: "Nabonye ari échec ikomeye kuri jewe, mbere nca mfata ingingo y'uko ata gisirikare c'u Burundi nzosubiramwo".

Kuki Ndadaye yagandaguwe?
Ico kibazo cokwishurwa n'ababikoze bo nyene.
Hagati aho, mu gihe Bwana Rukindikiza avuga ko abamugandaguye bamuhoye ko batabona ibintu kumwe, Sylvetre Ntibantunganya yahoze ari umukuru w'igihugu akaba n'umwe mu bategetsi bakuru ba Frodebu abibona ukundi.
Ku bwiwe, umuzo wa demokarasi ntiwari wizwe neza kugira ngo Abarundi bose bayitegurire.
Bwana Ntibantunganya yabwiye BBC ati: "Igandagurwa rya Ndadaye ryavuye k'uko ibintu biraba demokarasi mu gihugu bitari vyateguwe neza kugira ngo imitima yose y'Abarundi, na cane cane abari bafise ubutegetsi muri irya myaka, itegurwe neza.
"Yari ikeneye kumenya ico demokarasi ivuga, ico isaba, hanyuma kandi igende yigisha abantu kwemera amatora, ibiyavuyemwo bakavyemera ata guhigimanga".
Perezida Ndadaye amaze kwicwa, Abarundi barasubiranyemwo bapfa amoko, cane cane hagati y'Abahutu n'Abatutsi.
Bwana Ntibantunganya abona ko igihe c'imyiyamamazo caranzwe n'amajambo yerekana ko hari ibintu bitoroshe namba vyari gushika mu gihugu.
Ati: "Ikibazo kiraba amoko muri kiriya gihe cari ikibazo kigifise ubumara mu mitwe no mu buzima bw'abantu.
"Igihe twariko turaharanira demokarasi turi mu mugambwe Sahwanya FRODEBU, twebwe twasaba dushimitse ko hoba ubwa mbere Inama Nkuru y'Igihugu (Conférence Nationale) kugira ngo twige ibibazo twabona ko bishobora kubera intambamyi umuzo wa demokarasi mu Burundi".
Avuga ko iyo nama yari gutuma hashingwa Leta mfatakibanza kugira ngo ironke umwanya wo gushira mu buryo ivyari kuba vyumvikanyweko, mu ntumbero yo gutegura umuzo wa demokarasi.
Kimwe mu bibazo nkoramutima avuga cari kwigwako cari cerekeye amacakubiri ashingiye ku moko avuga ko yatanguye cane cane mu mwaka wa1972 inyuma y'ubwicanyi bwahitanye ubuzima bw'Abahutu ibihumbi n'ibihumbi, akabona ko cari gikenewe kurondererwa umuti ushika.
Ati: "Ico nokubwira ni uko abari ku butegetsi muri ico gihe batatwumvirije, ahubwo bagira bati 'abo bantu umengo baratinya amatora', baca bashaka mbere no kuyahutagiza, urabona rero ibintu vyabaye. Iyo ibintu bitateguwe, ni uko vyama bigenda".

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi House
Kuri uno munsi Abarundi bibuka igandagurwa rya Perezida Ndadaye, Bwana Ntibantunganya asaba ko "Abarundi bokwemera ko ata yindi nzira muri kino gihe yo gushikira ubutegetsi atari inzira ya demokarasi ica mu matora asukuye.
Asaba kandi ko Abarundi bokwama bibuka ko intambwe igihugu kigezeko mu bijanye na demokarasi muri kino gihe yavuye ku butwari bwa Ndadaye n'abo bari bafatanije bemeye bakamena umushike.
Urubanza ku bamugandaguwe
Imanza z'abagandaguye Perezida Melchior Ndadaye gushika ubu zamye zirangwa n'igipfungu.
Mu mwaka wa 1998, hari abasirikare baciriwe imanza, ariko abatari bake bararwiyamirije, mbere hakaba harabaye iyunguruza.
Avugana n'abamenyeshamakuru mu 2003 buca bahimbaza imyaka 10 Ndadaye agandaguwe, Jean Minani yari arongoye uwo mugambwe ico gihe yavuze ko abasoda bato bato ari bo bafashwe n'ubucamanza bagashirwa mu munyororo.
Nyamara akavuga ko atari bo bashobora kuba barateguye bakongera bagashira mu ngiro igandagurwa rya Melchior Ndadaye.










