Coronavirus: Abandura mu Bubirigi bashobora kuba nka 'tsunami'

Ububare n'amazu y'uburiro mu Bubirigi birugaye mu kiringo c'indwi zine ziri imbere mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira rya coronavirus

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ububare n'amazu y'uburiro mu Bubirigi birugaye mu kiringo c'indwi zine ziri imbere mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira rya coronavirus

Umwanya n'umwanya Ububirigi bushobora kurengerwa n'ibitigiri vy'abantu bashasha bandura coronavirus, nk'uko umushikiranganji w'amagara y'abantu agabisha, mu gihe ibitigiri mu gihugu bigenda vyiyongera ku rugero ruteye ubwoba.

Frank Vandenbroucke avuga ko ibitigiri vy'abandura biri hafi y'ukuba "tsunami" mu gihe abategetsi "batagishoboye gukontorora ibiba mu gihugu".

Ingingo nshasha zo kugerageza kuzitira ikwirakwira ry'uwu mugera zatanguye kuja mu ngiro kuri uyu wa mbere. Ububare n'amazu y'uburiro birugaye mu kiringo c'indwi zine.

Ibitigiri vy'abandura coronavirus ku mugabane wose w'Ubulayi biriko biraduga cane, ibi bikaba vyatumye ibihugu vyose vyo kuri uyu mugabane bisubira gufata ingingo zo kuzitira.

Ejo ku wa Mungu, Ubutaliyano bwaraye bufashe ingingo ruhasha inyuma y'aho hibonekeje ibitigiri bitari bwaboneke vy'abandura ku munsi umwe, mu gihe ibisagara icenda bikuru bikuru mu Bufaransa navyo vyafatiwe ingingo zo kudasohoka mw'ijoro.

Igihugu ca Repubulika y'aba Tcheques - igihugu gifise ibitigiri binini gusumba ibindi ku mugabane wose - kiriko kirihweza ingene cofata ingingo za guma mu rugo ku gihugu cose.

None ibintu bimeze gute mu Bubirigi?

Ububirigi kiri mu bihugu vyabangamiwe cane mu kiringo ca mbere ca coronavirus ku mugabane w'Ubulayi mu ntango z'uno mwaka.

Muri rusangi, urugero rw'abahitanwa na covid muri ico gihugu rugira gatatu kw'isi ufatiye ku bantu 100.000, inyuma y'ibihugu vya Peru na San Marino, nk'uko vyerekanwa n'ibiharuro vya kaminuza Johns Hopkins isanzwe ikurikiranira hagufi iyi ndwara.

Kuva kuri uyu wa mbere, mu ngingo nshasha zafashwe na leta mu ntumbero yo guhangana n'iki kiza karanda kigarutse gushasha, abantu bazoba bemerewe kubonana n'umuntu umwe gusa hanze y'umuhana wabo kandi abo bishobokera bagakorera muhira.

Kirazira ko hagira abasubira kwitembereza kuva isaha zitandatu z'ijoro gushika isaha cumi n'imwe z'igitondo mu kiringo c'ukwezi kuri imbere kandi urudandaza rw'inzoga rukaba ruhagaritswe kuva isaha zibiri z'ijoro.

Bwana Vandenbroucke avuga ko ingene ibintu bimeze ku mugwa mukuru Bruxelles hamwe no mu bumanuko bw'igihugu "ari akaga gakomeye ku mugabane wose w'Ubulayi".

Yambwiye imboneshakure RTL ko Leta "ifise ubutumwa bumwe gusa ku banyagihugu: ikingire, ukingire n'abakunzi bawe, kugira ngo ntiwandure".

Frank Vandenbroucke aragabisha ko igihugu gishobora kurengerwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Frank Vandenbroucke aragabisha ko igihugu gishobora kurengerwa

Nk'uko bivugwa n'ikigo c'Ububirigi kijejwe amagara y'abantu, Sciensano, mu minsi indwi iheze, hibonekeje abantu bangana na 7.876 bandura buri munsi mu Bubirigi, ibi bitigiri bikaba vyaduze ku rugero rungana n'ibice 79% ugereranije n'indwi y'imbere y'aho.

Ku wa kabiri, leta yatangaje abantu 12.051 banduye mu masaha 24 yonyene, igitigiri kitari bwigere kibaho muri ico gihugu kuva iki kiza karanda cadutse.

Abinjijwe ibitaro kubera covid-19 nabo nyene bariyongereye cane, aho ku wa mbere igitigiri cagera ku 2485. Abategetsi bagabisha ko mu gihe ibitigiri vyobandanya vyiyongera ku rugero biriko, ibitanda 2000 Ububirigi busanzwe bufise vyo kwakira indembe bishobora kuba vyuzuye gushika hagati mu kwa cumi na rimwe.

Umushikiranganji wa mbere Alexander De Croo yabwiye RTL ati: "Ibintu ni bibi cane gusumba kure cane ingene vyari bimeze ku wa 18 z'ukwa gatatu igihe hatangura gufatwa ingingo za guma mu rugo".