Cristiano Ronaldo: Uyu musatirizi wa Portugal na Juventus bamusanzemwo coronavirus

Cristiano Ronaldo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ronaldo yari yakiniye Portugal igihe ihura n'Ubufaransa ku wa Mungu

Umusatirizi wa Portugal na Juventus Cristiano Ronaldo yapimwe asanga yaranduye wa mugera wa coronavirus, nk'uko bitangazwa n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Portugal, FPF.

Itangazo rya FPF rivuga ko uyu mukinyi w'imyaka 35 "ameze neza, nta bimenyetso yerekana, kandi yishize ukwiwe".

Ejo ku wa gatatu, bitegekanijwe ko Portugal ihura na Suwede mw'ihiganwa ry'imirwi nserukirabihugu, Nations League.

Abandi bakinyi bose ba Portugal bapimwe, inyishu zikerenaka ko ata mugera bafise, kandi bakaba biteguye gukina.

Urukino ruheruka rwayihuje n'Ubufaransa ku wa Mungu rukaba rwarangiye iyi mirwi ata n'umwe ushoboye gutsinda igitsindo.

Ni yo iri hejuru mu murwi irimwo, ariko ikaba inganya amanota n'Ubufaransa.

Ronaldo, kizigenza w'umurwi nserukiragihugu wa Portugal, ni we mukinyi wa mbere wo ku mugabane wa Bulaya yatsinze ibitsindo 100 mu nkino mpuzamakungu ku ruhande rw'abagabo, igihe igihugu ciwe gikina na Suwede mu kw'icenda guheze.

Kubera yinjiye mu kiringo ca guma mu rugo, Ronaldo ntazoshobora gukina urukino rwa Juventus ku wa 17 z'uku aho izohura na Crotone, hamwe kandi n'urukino rwa mbere ruzoyihuza na Dynamo Kiev ku wa 20 z'uku kw'icumi nyene, muri rya higanwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya (Champions League).

Mu nyuma y'aho, Juventus izohura na Verona ku wa 25 z'uku nyene.

Ejo ku wa mbere mw'ijoro, Ronaldo yerekanye ku mbuga hwaniro isanamu yifashe ari kumwe na bagenziwe ba Portugal, yanditseko ati :"Turi bamwe haba mu kibuga canke hanze!".

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa