France: abantu batanu bapfuye igihe indege zibiri zagonganira mu kirere

Icateye iri sanganya hejuru ya Loches na Indre-et-Loire kiracariko kiratohozwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Icateye iri sanganya hejuru ya Loches na Indre-et-Loire kiracariko kiratohozwa

Indege zibiri ntoya zagonganiye mu kirere zica zirakoroka mu burengero bw'Ubufaransa, abantu batanu bakaba ari bo bahasize ubuzima nk'uko bitangazwa n'abategetsi.

Izi ndege zagonganiye mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igisagara ca Tours ejo ku wa gatandatu mu masaha yo ku muhingamo .

Abajejwe ubutabazi, harimwo n'abajejwe kuzimya imiriro bashika 50 baciye bahashika, bakaba bazibiye aho izo ndege zakorokeye.

Nta wundi muntu yapfuye canke yakomeretse izo ndege zimaze gukoroka.

Indege ntoya yarimwo abantu babiri yaguye ku ruzitiro rw'inzu mu gisagara ca Loches kiri ku birometero hafi 46 mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igisagara ca tours.

Igipolisi cazibiye uturere iri sanganya ryabereyemwo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igipolisi cazibiye uturere iri sanganya ryabereyemwo

Umwe mu babonye ivyabaye yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko imwe yakorokeye kw'ikonteri y'amatara ica irasha.

Iyindi nini DA40 y'ikompanyi Diamond, yaguye ku metero zirenga gato ijana, ahantu hataba abantu, ikaba yarimwo ba mukerarugendo batatu.

Umwe mu barongoye akarere Nadia Seghier yabwiye AFP ati: "Abo bantu batanu bose bapfuye".

Ntansiguro zatanzwe muri ako kanya ku bijanye n'umwidondoro w'abo bantu bahasize ubuzima canke icateye iryo sanganya.

Igipolisi co muri ako karere nico caciye gitangura amatohoza.

Utwo turere vyabereyemwo twazibiwe, abahaba bagasabwa kuguma mu mazo yabo.

Umukuru w'igisagara ca Loches avuga ko iri sanganya ritumvikana

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'igisagara ca Loches avuga ko iri sanganya ritumvikana

Genevieve Allouard-Liebert, umwe mu babibonye, akaba asanzwe aba muri ako karere, avuga ko yumvise ikintu gikubise cane igihe izo ndege zashika hasi. Avuga ko we n'umugabo wiwe babonye umugabo akorotse ava muri iyo ndege nini igihe yariko imandagarira ku bisenge vy'inzu hafi yabo.

Amasanga nk'ayo aho indege zigonganira mu kirere ntakunze kuboneka. Iriheruka mu bufaransa kandi ryari rikomeye ni iryabaye mu karere ka Quiberon Bay hafi y'umweha wa Brittany mu 1998, igihe indege ya Beechcraft 1900D yagongana n'iyindi ntoya, abantu 15 bakaba ari bo bapfuye.