Indege yo muri Turkiya yanyereye irenga inzira ica irasambuka i Istambul

Iyo ndege imaze guta inzira

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iyo ndege yacitsemwo ibice imaze kunyerera ikarenga inzira yayo

Indege itwara ingenzi yanyereye ita inzira ku kibuga c'indege muri Turkiya ica icikamwo ibice bitatu, hakomereka abantu 52 nk'uko abajejwe intwaro babivuga.

Iyo ndege bivugwa ko yari itwaye abantu 117 hamwe n'abayikoramwo batandatu igihe yakora isanganya ku kibuga ca Sabiha Gokcen mu muji wa Istambul.

Nta n'umwe yasize ubuzima muri iryo sanganya, nk'uko vyatanjwe n'umushikiranganji ajejwe kwunguruza abantu n'ibintu, Mehmet Cahit Turhan.

Buramatari wa Istambul Ali Yerlikaya yavuze ko abantu 52 baciye banyarukanwa kwa muganga, utwigoro two gukura abandi ahabereye isanga tukaba tubandanya.

Iyo ndege y'ikompanyi Pegasus yaguye hari imvura nyinshi nyuma yo kuguruka ivuye mu muji uri mu burengero wa Izmir, nk'uko bivugwa n'ibitangazamakuru vya Turkiya.

Ingenzi zari ziyirimwo zayivuyemwo ariko abajejwe intwaro baracariko baragerageza gukuramwo abayihezemwo.

Video ziriko ziracanacanako ku mbuga hwaniro serekana umurito waka muri iyo ndege ariko uwo muriro wahavuye uzimywa na ba kizimyamoto.